Ritha yahawe ikimenyetso c’urumuri rw’urwaruka

Yanditswe na Cherfi NKESHIMANA
Kuya 11 Nyakanga 2017 saa 03:37
Yasomwe : 2619
0 0

Ritha Marie Ange n’umurwi wiwe ugizwe n’imiyabaga ivanze abahungu n’abakobwa baraye baremesheje igiteramo ciganjemwo impuzu z’igitenge. Umunezero, gushinga intahe no guhanahana ivyiyumviro ni vyo vyari vyiganje kuri Zion Beach. Ibirori vyarangiye Ritha yambitswe igitambara c’iteka, ahabwa n’urumuri.

Ibirori vya Shaza Fashion Show vyo kuri uno w’Imana igenekerezo rya 10 Nyakanga 2017 vy’uguruwe na defile y’utwana tw’uduhungu n’udukobwa twambaye impuzu z’ibitenge. Eka si abo gusa, eka n’inkumi n’imisore biboneka ko bari biteguriye gutambuka birebanga imbere y’ishengero ry’abantu barabiciye biracika.

Luce, Miss Popularite 2017, niwe yariko aryosha igiteramo mu gutanga urutonde rw’ibikorwa. Niko guha ijambo Ritha Marie Ange yari yateguye ico giteramo. Uwo nawe yashimiye abitavye igiteramo, ashimira abamufashije batandukanye kugira uwo munsi uri hejuru ushike.

Niko rero Ritha agatanga ubutumwa k’urwaruka aho yaruhamagarira kwitaho amasomero no kugerageza gushira ahabona impano zabo. Ritha yarongeye avunira akagohe abavyeyi, abo yabasavye gushigikira abana babo mu bikorwa vyiza baba bariko bakora canke bategura, aho kubategeka gukora ibitari mu mpano zabo.

Kukaba nkako, Sandra umuvyeyi wa Ritha yarahejeje kubwira ikinyamakuru IGIHE ko mu ntango atashaka ko umwana wiwe akwirikirana ivy’imideri, naho mu nyuma yahavuye abitahura agatako akanamushigikira.

Uwo muvyeyi nyene, yaciye avunira akagohe Abarundi badashigikira ibikorwa vy’abenewabo. Sandra afatiye ku bitavye Shaza Fashion Show, ati:" Abarundi ntibashigikirana, iyaba umunyamahanga bari gusidukana n’iyonka." Wewe, yemeza ko azoshikira imigambi myiza yose y’urwaruka, atavanguye.

Tubamenyeshe ko ibirori vya Shaza Fashion Show, iruhande ya Defile, hari kandi n’intahe zari zishimikiye ku mpanuro n’ivyemeza ko gukorera kw’ihangiro bishikana kw’iterambere.

Ivyo birori vyarangiye Ritha yambitswe igitambara c’iteka, yongera ahabwa itara nk’ikimenyetso c’uko ari urumuri rw’urwaruka.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha