Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Robert MUGABE yakuwe mu burongozi bw’umugambwe uri ku butegetsi
 Robert MUGABE yakuwe mu burongozi bw’umugambwe uri ku butegetsi
 Robert MUGABE yakuwe mu burongozi bw’umugambwe uri ku butegetsi
				
				lundi 20 Munyonyo 2017, par
Uwo mugambwe ZANU PF waciye ugena uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu Emmerson Mnangagwa kurongora uwo mugambwe, aho akaba ari mu gihe hari haciye indwi zibiri yirukanywe muri ayo mabanga.
Ukwirukana Emmerson Mnangagwa mu mabanga yiwe y’icegera c’umukuru w’igihugu vyatumye haba ukutumvikana, mu gihe Robert Mugabe yipfuza ko umugore wiwe Grace Mugabe ariwe yomusubirira, ariko benshi mu bagwaniye intahe yo kwikukira bongera bashikana Mugabe ku butegetsi bashaka ko Emmerson Mnangagwa ariwe yosubirira Mugabe.
 
- Umukuru w’igihugu Robert MUGABE
Umugambwe uri ku butegetsi, Zanu PF, wahaye Robert Mugabe gushika kuri uno wa mbere, kugira abe yatanze imihoho. Uwo mugambwe ukaba utegekanya guca ufata ingingo yo kumukura ku butegetsi ukoresheje amategeko, biciye mu nama nshingamateka, mu gihe atotanga imihoho wenyene.
Vianney BIKORIMANA
