IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Rumonge : Abantu 42 bafashwe bagirizwa ubusambamyi

Rumonge : Abantu 42 bafashwe bagirizwa ubusambamyi

lundi 30 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Juvenal BIGIRIMANA, Buramatari w’intara ya Rumonge avuga ko abafashwe bari mu migwi ibiri y’abantu 42 : Abarundi 22 bagizwe n’abagabo 14 hamwe n’abagore 8.

Umurwi ugira kabiri ni uw’abanyekongo 20 bagizwe n’abagabo 15 hamwe n’abagore 5.

Abo bose bafatiwe mu mazu y’uburaro atandukanye, Buramatari wa Rumonge akemeza ko ata kindi bari bagiye gukora muri ayo mazu y’uburaro ubuhumbu (ubusambanyi).

Juvenal BIGIRIMANA, Buramatari wa Rumonge avuga ko Dosiye y’abo bantu yamaze gushikirizwa ubutungane, kugira ubucamanza burabe ico amategeko avuga.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Nyakwubahwa Bulamatari atohoze neza kuko ndabonamwo ikibondo kitaramenya ico arico ubusambanyi.
    Kandi atari uwuri mu rugendo ngo bumwirireko n’umwana, sinibaza ko hari umuvyeyi yoja mu bushurashuzi atwaye umwana wiwe atari igitabanga.

  • None n’uwo mwana yafashwe ariko arasambana? mbega hoho ko mbona abandi umenga barakwije imyaka icaha bakoze ni ikihe? Ahubwo nimba ari abadandaza umubiri Reta nitunganye imigambi y’ingene boronka ico bakora kibaha uburyo bwo kubaho kugira ntibasubire kudandaza umubiri.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.