IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Rumonge: Abantu indwi baritavye Imana mw’isanganya ry’imodoka

Rumonge: Abantu indwi baritavye Imana mw’isanganya ry’imodoka

mardi 3 Gitugutu 2017

Amakuru ava aho mu Rumonge amenyesha ko imodoka yo mu bwoko bwa Isuzu yariko iva ahitwa i Kabumburi ija ku murwa mukuru w’intara ya Rumonge yagize isanganya igeze mw’ikorosi ku birometero bibiri uvuye i Kabumburi.

Ayo makuru avuga ko abantu batandatu baciye bitaba Imana uwo mwanya nyene,uwundi nawe yitaba Imana ariko ajanwa kwa muganga.

Mu giporisi c’Uburundi,umuvugizi waco Pierre NKURIKIYE amenyesha ko muri abo bitavye Imana n’uwariko aratwara iyo modoka arimwo.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Turahojeje imiryango yabuze yose bihangane ntakundi, turazitwaza ariko dutwaza urupfu, umwe turikoturayaga niwe yambariye ati iyo twirukanga mumabarabara,nurupfu ruba rwicaye impande yawe, ushitse muhira tora iminota 10 yogushima Imana nayubundi nibara.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.