Accueil > Amakuru > umutekano > Rumonge: Abantu indwi baritavye Imana mw’isanganya ry’imodoka
 Rumonge: Abantu indwi baritavye Imana mw’isanganya ry’imodoka
 Rumonge: Abantu indwi baritavye Imana mw’isanganya ry’imodoka
				
				mardi 3 Gitugutu 2017
Amakuru ava aho mu Rumonge amenyesha ko imodoka yo mu bwoko bwa Isuzu yariko iva ahitwa i Kabumburi ija ku murwa mukuru w’intara ya Rumonge yagize isanganya igeze mw’ikorosi ku birometero bibiri uvuye i Kabumburi.
Ayo makuru avuga ko abantu batandatu baciye bitaba Imana uwo mwanya nyene,uwundi nawe yitaba Imana ariko ajanwa kwa muganga.
Mu giporisi c’Uburundi,umuvugizi waco Pierre NKURIKIYE amenyesha ko muri abo bitavye Imana n’uwariko aratwara iyo modoka arimwo.
MUGISHA Van Naris

Messages
6 Gitugutu 2017, 07:48, par Ntakirutimana John
Turahojeje imiryango yabuze yose bihangane ntakundi, turazitwaza ariko dutwaza urupfu, umwe turikoturayaga niwe yambariye ati iyo twirukanga mumabarabara,nurupfu ruba rwicaye impande yawe, ushitse muhira tora iminota 10 yogushima Imana nayubundi nibara.