IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Rumonge : Abarovyi batanu baritavye Imana bahitanywe n’umuyaga mu kiyaga (...)

Rumonge : Abarovyi batanu baritavye Imana bahitanywe n’umuyaga mu kiyaga Tanganyika

lundi 19 février 2018

Amakuru ava mu Minago, hamwe mu habereye iryo sanganya, amenyesha ko abo bantuma bitavye Imana kubera umuyaga mwinshi wibonekeje mu kiyaga Tanganyika, igihe abarovyi bari bagiye kurangura igikorwa cabo.

Ayandi makuru ava muri ivyo bice vy’intara ya Rumonge, amenyesha ko ico gitigiri c’abahitanywe n’uwo muyaga mu kiyaga Tanganyika gishobora kuba kirenga, barindiriye ko amatohoza ahera.

Gabriel BUTOYI arongoye Ishirahamwe ry’abarovyi n’abadandaza b’amafi mu Burundi,avuga ko ivyo bitigiri vy’abaguye muri iryo sanganya ari ivy’imfatakibanza.

Gabriel BUTOYI ahamagarira abakora umwuga wo kuroba kwama bikingira, mu gihe cose bariko bakora akazi kabo.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.