IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > SOS-Torture : Abantu 30 nibo batawe muri yompi, batandatu baricwa

SOS-Torture : Abantu 30 nibo batawe muri yompi, batandatu baricwa

mardi 10 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Icegeranyo ca SOS-Torture co mu ndwi yo kuva kuwa 31 Kigarama 2016 gushika kw’igenekerezo ry’indwi Nzero kivuga ko abantu baharurwa muri 30 aribo bahagaritswe, benshi muribo bakaba bafashwe mu bikorwa vy’ugusaka vyakozwe n’igiporisi muma komine ya Mugamba mu ntara ya Bururi, na Gihanga mu ntara ya Bubanza, nk’uko ico cegeranyo kibivuga.

Ico cegeranyo ca SOS-Torture kivuga kandi abandi bantu batandatu bishwe, muri abo hakaba harimwo umushikiranganji wo muri Reta y’Uburundi, Emmanuel NIYONKURU yishwe arashwe. Muri SOS-Torture bakavuga ko kuva hatanguye intureka zo mu kwezi kwa Ndamukiza umwaka w’2015, ribaye irya mbere aho umutegetsi wo muri Reta y’Uburundi yicwa.

Muri ico cegeranyo c’indwi imwe, baravuga kandi umupfungwa umwe wo mw’ibohero ry’i Muramvya yakuwe mw’ibohero ajanwa mu kibanza kitamenyeshejwe, yaba abajejwe iryo bohero canke abo mw’igendereza akaba ata n’umwe yamenyesheje ikibanza uwo mupfungwa yungururijwemwo.


IGIHE

Messages

  • Turababajwe Ningene Abarundi Bene Wacu Bariko Baricwa Ataco Bazira

  • Turababajwe Ningene Abarundi Bene Wacu Bariko Baricwa Ataco Bazira

  • abobatandatu bishwe kuberiki baziri?

  • Kuki Gamana Wahoze Kukibazo C’uburundi ?Ntiwohora Amaraso Yabatagira Icaha?,

  • Ndashaka kumenya irishirahamwe uworyashatse guha ikicengeranyo, kuko nimbabagihaye reta yu Burundi nivyiza, arikonimba bashatse kugiha barutuku birababaje mbere tucatubashira muribamwe bashaka Ko barutuku bongera kudukoroneza.
    Umvandababwire ibanga buryanibwo barutuku ataribose babi jewe naraye numiwe!
    Muzokobafashe amahera baribaremereye guha uburundi mubikorwabitandukanye busanzwe bukora harimwo nayo baribemereye uburundi muvyamatora duherukamwo ayomahera bakaca bayakupa bakayashira mukigega cogufasha uwowese azokwemera gukora ivyobashaka arinacogituma abarundi bamwebamwe bakorera mumashirahamwe yigenga nama radios mwabonye baribasidukanye niyonka mukuvuga amabwamabwa ukamengo babaye nkabavugira mwishamba!
    Abandi nabobakaduka mukwica abavikanyi babo!
    Anaherayahora arayogufashisha uburundi bahagaritse mubimenye mubitahure niyo amaze imisi ahekura uburundi nabarundi kuko abahora bayaha uburundi bayakatishirije mukuyaha abaribabemereye ngobagiyeguhasha nkurunziza nizere komwibuka igihe habereye ishingwa rya reta iyoboye uburundi ariko ikagira icicaro Mububikigi, kandimwibuke nigihe ibihugu bivugiye ngo amahera twaritwageneye hufashisha uburundi ngotugiye kuyarungika Rwanda gufasha impunzi zabarundi.
    Biryavyose vyakozwe nababirigi muraziko ubuniligi kwaribwo bwaserukira uburundi mugishingo cabayoboye uburundi kandinamakungu yemerako ububiligi ivyobuvuze kuburundi arivyonyene bitegerezwa gukorwa.
    Barundi nimuce ubwenge mureke kwiterekana nkibijujuvyagose imbere yabazungu babamarako abanyu ariko mukaguma mubaha raporo ngomurikomurerekana Ko muciye ubwenge, wewe woharipoti uwukumarako abawe hanyuma ukabesha ngurazi ubwenge!?.

  • Abarundi bari bakwiye kwikubit agashi bakamenya kuburundi arubwabarundi bose.

  • Muzoheza Kwicana Ryari Mana Garuka

  • Mbe Ko Muhaya Kwica Mweho Ntimuzopf?Musigaj Imisi Ingana Ate Kwin’isi?Nimureke Nimusegeho Reka Kugira Amateka Mabi.

  • reka kwihanira hakore ubutungane

  • Burya Hafsa Mossi ntiyaruw muntwar y’uburundi ah iry shirahamw ryemeza k ury mushkiranganj ariw muntu wo muntwar wnyen yishw? iyo ntumbero mufis twarayihinyuy!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.