IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Senegal: Touba TV yihenze yerekana ireresi y’abarangura amabanga (...)

Senegal: Touba TV yihenze yerekana ireresi y’abarangura amabanga y’abubatse

mercredi 22 Ntwarante 2017

Ikigo c’igihugu kijejwe gukurikirana imboneshakure mu gihugu ca Senegal "National Audiovisual Regulatory Council"casavye imboneshakure Touba TV ngo isigure ingene yerekanye ireresi y’abantu bariko barangura amabanga y’abubatse.

Ireresi yatumye havugwa vyinshi mu gihugu ca Senegal kuri iyo mboneshakure yerekanyweb inyuma y’umutaga wo kuwa kabiri igenekerezo rya 21 Ntwarante,umwaka wa 2017.

Imboneshakure Touba TV isanzwe ari iy’abihebeye Imana mw’idini rya Islam yavuze ko umugera winjiye mu muhora ariwo watumye iyo reresi isohoka ishobora kubonwa n’abantu.

Ubutegetsi mu gihugu ca Senegal bumenyesha ko nabwo nyene nabwo nyene bwabonye iyo reresi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.