IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Sentare yubahirije ivyasabwe n’Umwami MWAMBUTSA BANGIRICENGE imbere y’uko (...)

Sentare yubahirije ivyasabwe n’Umwami MWAMBUTSA BANGIRICENGE imbere y’uko apfa

jeudi 3 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Reta y’Uburundi hamwe na bamwe mu muryango w’umwami Mwambutsa wa kane BANGIRICENGE barushijwe mu rubanza rwayihuza n’umuryango w’uwo mwami, ku bijanye n’ugutahukana ibisigarira vy’uwo mwami yashinguwe mu gihugu c’Ubuswise.

Urwo rubanza rwari rumaze imyaka ine myake ine ruhuza y’Uburundi hamwe n’umuryango w’umwami Mwambutsa wa kane BANGIRICENGE utari ushigikiye ko ibisigarira vy’uwo mwami bitahukanwa guhambwa mu Burundi.

JPEG - 19.1 ko
Umwami Mwambutsa wa 4 BANGIRICENGE

Sentare nkuru yo mu gihugu c’Ubuswise yafashe ingingo itegeka ko ibisigarira vya Mwambutsa wa kane vyogumizwa mu Buswise, nkuko yari yaravyisabiye imbere y’uko yitaba Imana.

Umwami Mwambutsa wa 4 BANGIRICENGE yari umuhungu w’Umwami Mutaga wa 4 MBIKIJE n’umwamikazi NGEZAHAGO. Yitavye Imana kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza 1977 mu gihugu c’Ubuswise, akaba ari naho yashinguwe nk’uko yari yavyisabiye imbere y’uko asandaba.


IGIHE

Messages

  • Iyo sentare ndayishimye kuko abobantu bakunda agapfa ntibakunda agakira mbe uko kwarukugira berekaneko bakunda abarundi twarabahinyuye

  • NIVYO NTAKUMUZURA NIBAMUREKERE AYIFUJIJE GUSHINGUGWA.KUKO NUBUNDI NTANYUNGU LETA YOVYUNGUKIYEMWO

  • Erega baba bamutahukanye banse kumuhereza leta itazwi,rindira murabe ko batazomuhereza izindi leta,iyi ihari nibanze ihambe neza abo iriko ita mu nzuzi no mu binogo bimwe imbere yo gutahukana ibindi biziga,aho nta soniiiiiiiiiiiiii

  • Jewe Nahora Nitwa Tari ; Ubu Nitwa Ntajambo , Kuk Ryanyiyatse : Nahora Mvuga Ibinyoma None Narahinyutse !!!

  • Nagirandamutse uyumuntu yitwa ttari ,yewe Tari ntusanzwe !!nonewewe ntakikikunezera musiyizuba?? Ubunoneho suburundi-si Onu -suburaya-ni iccp vyose ubifitiye umwikomo,none amaherezo yawe nayahe igihe ivyipfuzo vyawe vyose bizobera impgagusa!! Hindura utume wizera Imana yontakabikayo iragororotse kandi bizogufasha kukahugeze nuwoguhuburenganzira bwogucimanza ntavyowobugishoboye kuko wararengewe nivyiyumviro vyokutizera.

  • Mbega ivyo bisigarira barundi babishakako iki?nibareke bigume aho yari yarisabiye ngo ashingurwe!

  • Yewe mbazumutima Jerome Tari ivyavuga ni vyukuri, ntaho reta yubu yigeze ikunda abanyagihugu, atikuki ?wobukunda abanyagihugu ukirirwa urabica?. UWOMWAMI BANGIRICENGE nikuki bamurondera? iyo reta nibanze gende ingarukane abimaze imisi igandagura nabugingo nubu bakibandanya gusesa amaraso yabarundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.