IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Seychelles : Umukuru w’igihugu yatanze imihoho

Seychelles : Umukuru w’igihugu yatanze imihoho

mercredi 28 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’igihugu wa Seychelles, James Michel, yari amaze imyaka 12 ariwe ayobora ico gihugu, yatanze imihoho, inyuma y’aho umugambwe wiwe urushirijwe n’abatavuga rumwe nawo, mu bibanza vy’abashingamateka.

Umukuru w’igihugu James Michel yavugiye ku Mboneshakure y’igihugu ko kuva kw’igenekerezo rya 16 Gitugutu 2016 atazoba akiri umukuru w’igihugu.

Mw’ijambo yashikirije, James Michel yavuze ko imyaka 12 amaze ari umukuru w’igihugu ikwiye, akavuga ko agiye guha umwanya uwundi muyobozi mushasha azogeza Seychelles ku yindi ntambwe y’iterambere.

JPEG - 101.4 ko
Umukuru w’igihugu James Michel

Iryo tangazo rya James Michel risohowe inyuma y’aho umugambwe wiwe "Lepep" udashoboye gutahukana ibibanza vyinshi mu matora y’abagize inama nshingamateka yabaye muri uku kwezi kw’icenda, aho watahukanye intebe 10 gusa, mu gihe ihuriro ry’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, "Linyon Demokratik Seselwa" ryatahukanye intebe 15 mu nama nshingamateka.

Ribaye irya mbere kuva mu mwaka 1993 igihugu ca Seychelles gitanguye intwaro y’imigambwe myinshi, aho umukuru w’igihugu atanga imihoho.

James Michel w’imyaka 72 yari umukuru w’igihugu wa Seychelles kuva mu mwaka w’2004.


IGIHE

Messages

  • Lecon a nos pauvres presidents BASHAKA GUPFA BAKWEGEYE UMUGAMBWE

  • Bon exemple a nos pauvres presidents Bashaka gupfa basize Ibibazo mu miryango yabo.....

  • None Piter We Arinze Iki?

  • Peter yaratowe n’abanyagihugu ni mureke kumwidogera. None muri mwebwe uwamurushije amajwi ni nde? Uwo wo muri Seychelles atanze imihoho kuko abatavuga rumwe nawe bamurushije? Ingorana z’Abarundi n’uko mushaka gukoresha inguvu n’ibinyoma vyinshi, ngo amakungu yemere ko mufise abanywanyi gusumba Peter, kandi ata na zero mufise.Mufise abagumutsi gusa, twebwe niko tubibona.

  • UMUGABO NUWO WINRYAMUNYU ARIKUBIRI NUWURAHO!!

  • Nguwo umugabo wabagabo atomoye, atari Nkurunziza petero, ya rwije abicanyi muburongozi bwiwe, akabura numwe womumugabwe wiwe yobafise ubwenge bwogushobora gutwara mugishingo ciwe !,agacahitamwo gutamukaga igihugu ciwe camwibarutse. Iyaba umushingantahe abonakure nti yari kwemera kwitoza ubugira 3, yarikufata umwe mubishikira biwe akamugira umukandida wumugabwe wiwe, none nguwo asigaye arikimaramare mumakungu ,nukwubahuka mubashingantahe ntakihubahuka, yumvise aba perezida bagenziwe kobateguye inama izobahuzahamwe akorukobishoboka kwose mukurondera ahazihamba, Nibara.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.