Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somaliya : Abarwanyi 57 ba Al-Shabab bishwe n’igisirikare ca (...)
 Somaliya : Abarwanyi 57 ba Al-Shabab bishwe n’igisirikare ca Kenya
 Somaliya : Abarwanyi 57 ba Al-Shabab bishwe n’igisirikare ca Kenya
				
				vendredi 3 Ntwarante 2017, par
Igisirikare ca Kenya cavuze ko ingabo zaco zishe abagwanyi 57 bo murwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu (Al-Shabab), mu ngwano yabereye mu bumanuko bwa Somalia ku munsi wa gatatu, nk’uko itororokanirizo ry’amakuru Reuters ryanditse kuri Twitter.
Abasirikare ba Kenya bakorera aho muri Somaliya kw’izina ry’umuryango w’Ubumwe bwa Afrika mu murwi Amisom bakoresheje ibigwanisho bikomakomeye hamwe naza kajugujugu, mu guhangana n’abo bagwanyi hafi ya Afmadow, igisagara kiri ku birometero 100 uvuye ku kivuko ca Kismayo.
Itangazo ry’igisirikare ca Kenya rivuga ko hari n’abandi barwanyi benshi bakomeretse.
Ku ruhande rwa Al-Shabab, barahakana, bakavuga ko ata mugwanyi n’umwe wabo yishwe muri ico gitero.
Mu kwezi kwa mbere mu 2016, abo bagwanyi ba al-Shabab barateye ikirindiro c’abasirikare ba Kenya muri Somalia aho bivugwa ko bishe abasirikare 100.
Ubutegetsi bwa Kenya burahakana ico gitigiri, naho nyene ubwo butegetsi bwa Kenya bukaba butigeze bushaka kuvuga igitigiri c’abasirikare baco baguye muri ico gitero.
IGIHE

Messages
3 Ntwarante 2017, 20:19, par SUGURU SEBASTIEN
NONE KO BABESHA BOSE NI KUKI?
3 Ntwarante 2017, 21:40, par YOURIBI,BURUNDI
None,nikuki,abasirikare,bakenya,bahakana,ababobapfuye,umusirikarewakenya,apfuye,acaba,umu,ershabab?
4 Ntwarante 2017, 06:43, par Eric Murengeza-bubanza
Biragoye Ahubwo Imana Nigire Icikoze Kuri Somalie