IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somaliya : Général Mohamed Roble Jimale yishwe hamwe n’abamucungera

Somaliya : Général Mohamed Roble Jimale yishwe hamwe n’abamucungera

lundi 19 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Général Mohamed Roble Jimale, umusirikare mukuru mu gisirikare ca Somaliya yishwe kuri uwu w’Imana, ahitanwe na bombe zari zitezwe mu modoka ku murwa mukuru Mogadishu wa Somaliya.

Abategetsi ba Somaliya babwiye Ijwi ry’Amerika ko Général Mohamed Roble Jimale yapfanye n’abandi basirikare batandatu bamucungerera ubuzima.

Bose bishwe igihe imodoka barimwo zagongwa n’iyindi modoka yari itezwemwo amabombe, hafi y’urwinjiriro rw’ibiro bikuru vya gisirikare, i Mogadishu.

Général Mohamed Roble Jimale yari arongoye Bataillon ya gatatu mu gisirikare ca Somaliya kandi niwe yari arongoye intambara Somaliya iriko irarwana n’umuhari w’iterabwoba wa Al-Shabab.

Al-Shabab yemanze ko ariyo yakoze ico gitero. Uwo muhari w’iterabwoba warirukanwe n’abasirikare b’ubumwe bwa Afirika mu mwaka w’2011, ariko uracari intambamyi muri Somaliya, aho wama wakoze ibitero bigamije gukura Reta ishigikiwe n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.