Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somaliya : Igitero ca mbere gihitanye abantu benshi i Mogadiscio
 Somaliya : Igitero ca mbere gihitanye abantu benshi i Mogadiscio
 Somaliya : Igitero ca mbere gihitanye abantu benshi i Mogadiscio
				
				lundi 16 Gitugutu 2017, par
Amakuru ava aho i Mogadishu avuga ko igisasu catewe casambuye imiduga congera kibomora amazu, amahoteri hamwe n’amazu y’ibiro vya Reta.
Bivugwa ko ico gitero kibaye ica mbere gihitanye ubuzima bw’ abantu benshi kuva umugwi Al Shabaab utanguye gukora ibitero mu gihugu ca Smariya.
Nta mugwi n’umwe canke umuntu ariyitirira ico gitero.
Mohamed Abdullahi atwara igihugu ca Somariya yatangaje ikigandaro ku rwego rw’igihugu kizomara imisi 3.
Vianney BIKORIMANA
