Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somaliya : Umukuru w’igihugu mushasha afise ubwenegihugu bwa (...)
 Somaliya : Umukuru w’igihugu mushasha afise ubwenegihugu bwa Amerika
 Somaliya : Umukuru w’igihugu mushasha afise ubwenegihugu bwa Amerika
				
				jeudi 9 Ruhuhuma 2017, par
Inama nshingamateka ya Somaliya yatoye kuri uwu wa gatatu umunya-Somalia afise ubwenegihugu bwa Reta zunze ubumwe za Amerika kuba umukuru w’igihugu mushasha, mu matora yabereye ku kibuga c’indege c’i Mogadishu, ikibanza conyene cizewe mu mutekano muri Somaliya.
Mohamed Abdullahi batazira "Farmajo" (bisigura Fromaje mu rurimi rw’igitariyano. Akazina yajawe kubera gukunda Fromage), w’imyaka 54, yabaye umushikiranganji wa mbere mu mwaka w’2010 gushika 2011, akaba muri ayo matora yo kuri uwu wa gatatu yatsinze Hassan Sheikh Mohamud yari asanzwe ariwe ari ku butegetsi, akaba yariko ahiganirwa kurongora Somaliya mu kiringo ca kane.
Amatora yabaye mu gihe umutekano wari wakomejwe ku kibuga c’indege co ku murwa mukuru wa Somalia, Mogadishu, naho ibindi bice vy’igihugu vyarimwo umutekano muke.
 
- Mohamed Abdullahi batazira "Farmajo", umukuru w’igihugu mushasha wa Somaliya
Abahiganirwa ico kibanza c’umukuru w’igihugu bagera kuri 20, ariko bakaba bagiye bagabanuka gushika kuri babiri, mu gice ca nyuma.
Umukuru w’igihugu mushasha Mohamed yatahukanye amajwi 184, mu gihe Hassan Sheikh Mohamud yahora ku butegetsi yatahukanye ayagera kuri 97, akaba yaciye yemera ko atsinzwe.
Igihugu ca Somalia gisinzikajwe n’intureka hamwe n’indyane zifatiye ku moko n’idini. Kuva mu mwaka w’1969, nta na rimwe ico gihugu kiratunganya amatora abaye mu ntwaro rusangi aho umunyagihugu wese yitorera ubwiwe umukuru w’igihugu.
IGIHE

Messages
9 Ruhuhuma 2017, 11:54, par Basabose Smail
Turamukeje,ariko Akorane Ubwira N’ubukerbutsi Kugira Abenegihugu Basomaliya Baronk Umutekano Kuko Bararuhijwe N’intambara.Imana Nirabe Ibafashe Baronk Amahoro.
9 Ruhuhuma 2017, 11:55, par Basabose Smail
Turamukeje,ariko Akorane Ubwira N’ubukerbutsi Kugira Abenegihugu Basomaliya Baronk Umutekano Kuko Bararuhijwe N’intambara.Imana Nirabe Ibafashe Baronk Amahoro.
11 Ruhuhuma 2017, 21:58, par ALEXIS
nakomer.nawe nadye igihugu yumv uburyohe bwaco
12 Ruhuhuma 2017, 07:13, par bigirimanar
Imanishimwe ki prezident arekuye atahakanye ivyavuye mu matora
17 Ruhuhuma 2017, 11:24, par Maeuro Ramsès
Nahangame Ku Ngoma.Kandi Imana Imuhezagire Yongere Ihezagire Uwahora Atwara Ko Atarinze Kwanka Kuva Ku Butegetsi.