IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somaliya : Umuvugizi w’inama nshingamateka yatanze imihoho

Somaliya : Umuvugizi w’inama nshingamateka yatanze imihoho

vendredi 13 avril 2018

Mw’ijambo ryacishijwe ku mboneshakure y’igihugu, Mohamed Osman Jawari yavuze ko yipfuza gusaba ikigongwe nimba haraho yababaje abanyasomaliya.

Amakuru dukesha urubuga rwa BBC, amenyesha ko Mohamed Osman Jawari yatowe incuro zibiri kuba umuvugizi w’inama nshingamateka,igenekerezo rya 28 Myandagaro 2012 no kw’igenekerezo rya 11 Nzero 2017.

Ayo makuru ya BBC, amenyesha ko yatanze imihoho ataraheza ikiringo ciwe ca kabiri, bivuye ku ruhagarara rwadutse inyuma yaho bamwe mu bashingamateka bamukuriyeko icizere.

Icegera ciwe ca mbere Abdiweli Mudey, niwe agiye kuba aramusubirira mu kibanza mu kurindira ko hatorwa uwundi muvugizi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.