IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Sylvestre NYANDWI asaba ko atawokwihutira kwagiriza ku vyabaye ahakorera (...)

Sylvestre NYANDWI asaba ko atawokwihutira kwagiriza ku vyabaye ahakorera ONU

vendredi 15 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’itangazo yasohoye kuri uwu wa kane, Sylvestre NYANDWI, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika avuga ati :

"Mw’ijoro ryo kuwa 12 rishira uwa 13 Nyakanga 2017, abantu batandatu bataramenyekana harimwo umwe yitwaje inkoho yo mu bwoko bwa Kalashnikov, bakoresheje imfunguruzo za magendu bari bazanye, barinjiye ku nguvu mu biro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, igisata kijejwe agateka ka zina muntu, kw’ibarabara ryitiwe Mugamba muri zone Rohero mu gisagara ca Bujumbura."

JPEG - 22.1 ko
Sylvestre NYANDWI, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’uburundi

Nk’uko bishikirizwa na Sylvestre NYANDWI, abo bantu batanguye kwugurura umuryango mukuru uri kw’irembo babanje kuboha abari bacunze ivyo biro mu nyuma barahava binjira mu biro.

"Amatohoza rero akaba abandanya kugira abo bagizi ba nabi bamenyekane hamwe n’intumbero bari bafise."

Mu matohoza ariko akorwa n’ubutungane, abanyezamu babiri bakora kuri ivyo biro vya ONU bari mu minwe y’igiporisi, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi agasaba ko atawokwihutira kuvuga ko ababibikoze ari aba canke bariya, canke kuvuga intumbero bari bafise, mu gihe amatohoza agikorwa.

Sylvestre NYANDWI, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika asaba umuntu wese yoba afise inkuru ku vyabaye kuri ivyo biro, ko yoyishikiriza igiporisi.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Uyo mushikirizamanza aze abanze atangurire amatohoza kubatanguye kugira iterabwoba mu mvugo Ibiro Bijejwe Agateka ka Zina Muntu ko kumbure boba babishize mu ngiro. Erega nawe nyene si Imana arashobora gutohoza ivyiwe, abamuha inkuru bakamubesha canke agahengama.

  • Umushikirizamanza ivyo avuga sivyo none ko Imbonerakure zahereye kera ziririmba ko zizomesa Kagame,ONU n’uBubiligi ikindi arindiriye gutohoza n’igiki?birazwi ko ari CNDD n’Imbonerakure zabigize yaco muhenda abanyagihugu

  • ngo bazomesa kagame, ariko, ariko ese imbonerakure za peter zisumvya ingufu interahamwe za habyara?cyangwa babona ko bataye umutwe ngo bazamesa uyu nuriya ewe aba dd muragowe ehe ndabavunire akagohe, niba muri abagabo murarasa hakurya y’akanyaru ngirango ntimuzomara umwanya urume rumara. maze babavugutire umuti,ico muzi kwica inzirakarengane.

  • Mbega kovyakozwe nicogi Porice nigisirikare hamwe nimbonerakure, ayo matohoza muvuga azokorwa nabande?
    iyo bumenya umwe bwarikindi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.