Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tanzaniya: 15 bimba ubutare batowe ari bazima inyuma y’iminsi (...)
 Tanzaniya: 15 bimba ubutare batowe ari bazima inyuma y’iminsi ibiri
 Tanzaniya: 15 bimba ubutare batowe ari bazima inyuma y’iminsi ibiri
				
				lundi 30 Nzero 2017
Abakozi 15 bimba ubutare bari bamaze iminsi ibiri mu kinogo batowe ari bazima,inyuma yaho imanga itemvye ikabafuririra mu kuzimu.
Amakuru ava mu gihugu ca Tanzaniya amenyesha ko bose 14 bava mu gihugu ca Tanzaniya n’umushinwa umwe batowe bakomeye ariko biboneka ko barushe cane ,kandi bafise ivyondo ku mubiri.
Bari baheze ku metero 30 uvuye hejuru,amakuru yabo yaboneka kubera urupapuro ruboheshejwe urutsinga bakoresha mu guhanahana amakuru.
Isanganya nkiri rirakunda kwibonekeza mu gihugu ca Tanzaniya,kuko usanga badafise ibikoresho bigezweho bikoreshwa mu kwimba ubutare.
IGIHE

Messages
30 Nzero 2017, 20:45, par Warumonge
Barakezimana Bahantse
31 Nzero 2017, 04:07, par Ntakirutimana Joel
Tunawapa pore sana wa Tanzania wenzetu, Mungu amewangenzeya siku.