IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ’’Tuzokwama tuzirikana iragi ryiwe’’-Petero NKURUNZIZA

’’Tuzokwama tuzirikana iragi ryiwe’’-Petero NKURUNZIZA

vendredi 6 avril 2018

Umukuru w’igihugu Cyprien NTARYAMIRA yitavye Imana kw’igenekerezo rya 6 Ndamukiza 1994, mw’isanganya ry’indege ryabereye hejuru y’ikibuga c’indege c’i Kanombe mu gihugu c’Urwanda, ari kumwe n’abashikiranganji babiri, uwo kumenyesha amakuru n’uwo iterambere ry’amakomine.

Kur’uno wa gatanu igenekerezo rya 6 Ndamukiza 2018, inyuma y’imyaka 24 iheze umukuru w’igihugu Cyprien NTARYAMIRA yitavye Imana, umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero NKURUNZIZA, abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter amenyesha ko bitebe bitebuke, ukuri kuzoja ahabona, abakoze ubwo bwicanyi babihanirwe.

Ati : « Uyu musi imyaka mirongo ibiri n’ine irarangiye Abarundi bahekuwe Umukuru w’igihugu Cyprien Ntaryamira n’abashikiranganji babiri bari kumwe. Tuzokwama tuzirikana iragi ryiwe. Bitebe bitebuke ukuri kuzoja ahabona kugira ngo abakoze ubwo bubisha babihanirwe. »

Cyprien NTARYAMIRA yari yize ibijanye n’uburimyi mu gihugu c’Urwanda, imbere y’uko atahuka mu Burundi akazezwa amabanga mu gisata c’uburimyi, gushika aho aba umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, imbere y’uko aba umukuru w’igihugu.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Urwanda Rurivanga.Kandi Imana Izobahana.

  • Wewe wiyita Ridimix-b,wombwira ico Ntaryamira yaragiye gukora mu Rwanda ?un President asaba lift mugenzi wiwe kuva ryari ?u Rwanda yaco murubeshera ni ububegito bw’indongozi zacu ,umugambi wa Habyarimana na Ntaryamira wari uwo kurimbura Abatutsi,ivyo birazwi

  • Ntaryamira umunsi we wari wageze ntiyagombaga kuwurenza kuko abari muli iriya ndege babakuye mo ngo Ntaryamira na bariya bapfanye. babone mo umwanya abayihanuye, we nta kibazo bari bafitanye urupfu nirwo rwamushakaga bitinde bite buke *nibade !!!!nibande birukiye gutwara, icyuma cyamakuru indege igira !!!ni bande bari barinze ikibuga ni bande bari mukigo cya gisilikare nibande batashakaga, ko hasinywa amasezerano ba bagosora, bari baratangaje, iki ! nibande bakoze enquette ! !!batangaje iki !!abandi 2010 abongeye, batangaje iki !mushaka ukuhe kuri !!!

  • Haaaa ukuri kubarundi ni nkumuzi wibuye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.