IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > UNHCR ivuga ko ifise ubukene bw’uburyo bwo gufasha impunzi z’abarundi

UNHCR ivuga ko ifise ubukene bw’uburyo bwo gufasha impunzi z’abarundi

mercredi 20 juin 2018

Mu gihe kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 20 Ruheshi amakungu ahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe impunzi, Gogo Hukportie avuga ko ubukene bw’uburyo butuma ishirahamwe UNHCR ridafasha neza abahunguka.

Uwo aserukira UNHCR mu Burundi yabwiye iradiyo y’abongereza BBC, ko , abahunguka bidoga ko imfashanyo y’amezi atatu babaha idakwiye, ariko ko UNHCR itakironka uburyo bukwiye bwofasha ibirenze aho kubera ababutanga bikwega.

Gogo Hukportie yasiguriye BBC, ko bamaze kwegeranya amafaranga make cane, kuko muri uno mwaka bamaze kwegeranya ibice 20 kw’ijana vy’amafaranga akenewe kugira bashobore gufasha impunzi z’abarundi.

Bitegekanijwe ko umwaka uzohera hamaze gutahukanwa impunzi zishika ku bihumbi 72, ubu hakaba hamaze gutaha impunzi ibihumbi 30.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.