IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubufaransa : abagize Reta nshasha bamenyekanye

Ubufaransa : abagize Reta nshasha bamenyekanye

mercredi 17 Rusama 2017, par Jean de Dieu M.

Umukuru w’igihugu Macron yari yabisezeranye ko azoshinga Reta ihurikiyemwo abantu bose hamwe n’abakorera mu mashirahamwe ataharanira inyungu za poritike , abashikiranganji bagera kuri 22 bashizwe ahabona kuruyu wa gatatu igihe c’isaha icenda murabo hariho:

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu : Gérard Collomb

Umushikiranganji w’ubutungane akaba ari : François Bayrou

Umushikiranganji w’ibidukijije : Nicolas Hulot

Umushikiranganji wo kwivuna abansi ni : Sylvie Goulard

Umushikiranji ajejwe ibibazo vya Buraya hamwe n’imigenderanire n’ayandi makungu : Jean-Yves Le Drian

Umushikiranganji w’imigenderanire na Buraya : Marielle de Sarnez

Umushikiranganji w’ubutunzi : Bruno Le Maire

Umushikiranganji wuburimyi : Jacques Mézard

Umushikiranganji w’akazi : Muriel Penicaud

Umushikiranganji w’inyigisho za Kaminuza hamwe n’ubushakashatsi : Frédérique Vidal

Umushikiranganji w’indero : Jean-Michel Blanquer

Umushikiranganji w’imico kama : Françoise Nyssen

Umushikiranganji wo gufatana mu nda hamwe n’amagara y’abantu : Agnès Buzyn

Umushikiranganji w’inkino : Laura Flessel

Umushikiranganji w’imibano n’iterambere ry’abanyagihugu : Richard Ferrand

Umushikiranganji w’Amazinga yegukira Ubufaransa : Annick Gérardin

Umushikiranganji wo gutwara ibintu : Elisabeth Borne

Umushikiranganji w’ibikorwa n’amakonte ya Reta : Gérard de Darmanin

Umunyamabanga wa Reta ajejwe kunganisha abagabo nabapfasoni : Marlène Schiappa

Umunyamabanga wa Reta ajejwe ubuhinga bwa none : Mounir Mahjoubi

Umunyabanga wa Reta ajejwe imigenderanire n’inama nshingamatekaSecrétaire : Christophe Castaner

Umunyamabanga wa Reta ajejwe abamugaye : Sophie Cluzel

Twobibutsa ko umushikiranganji wa mbere Edouard Philippe yashinze iyo Reta inyuma y’imisi ibiri iheze atowe ngo arongore iyo Reta , urwo rutonde rwatevye gushirwa ahabona amasaha 24 bitumwe nuko bariko biga ubutunzi bwabo bagiye kuja muriyo Reta hamwe nukutagira amatati afatiye kunyungu nkuko bisanzwe bikorwa ku kirimba ci Elysee , Edouard Philippe arongoye iyo Reta akaba afise igikorwa kitoroshe co gutahukana intsinzi mu matora y’abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka ategekanijwe itariki 11 na 18 mu mwaka wa 2017.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.