IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubukene bw’igitoro bwasubiriye kwibonekeza

Ubukene bw’igitoro bwasubiriye kwibonekeza

mardi 7 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Igitoro "Essence" casubiriye kubura mu gisagara ca Bujumbura. Anajejwe ububiko bwa Kobil na Engen bavuga ko bamaze indwi zibiri ata n’ima rimwe ry’igitoro bafise, imirongo y’imiduga ije kurondera ico gitoro ikaba ariyo yibonekeza aho kidandarizwa.

Abasanzwe badandaza ico gitoro bamenyesha ko ikibazo bafise ari ukubura amafaranga y’agaciro kugira baje kukirangura, bagasaba Reta ko yofata mu minwe ico kibazo.

Mu buyobozi bujejwe ivy’igitoro mu bushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu bamenyesha ko bazi ico kibazo c’ubukene bw’amafaranga y’agaciro, ariko bakemeza ko camaze gutorera inyishu.

Daniel MPITABAKANA, umuyobozi w’ico gisata yizeza ko imbere y’uko iyi ndwi turimwo ihera, amafaranga y’agaciro azoba yabonetse, kugira abarangura igitoro boroherwe, gice gisubira kuboneka aho kidandarizwa.


IGIHE

Messages

  • NTAKUNDI TUGIRA DUPFE NONE TUBIGENZEGUTE?

  • akakajagari kose gategwa n’umukuru wigihugu Petero nkurunziza dushaka umukuru wigihugu afata ingingo idasanzwe igihano co kwica kikagaruka, uwurashe umuntu afashwe akicwa kumugaragaro, uwubitse igitoro kumvo za politike bakakimwaka bakakigabura abantu kubuntu bakanamwugarira burundu urudandazwa uwufashwe akorera abanyepolitike bashaka guhangabanya umuteka imyaka 30 barya bashatse gukubita kudeta bakicwa amaradio nibimenyesha makuru bitanga amakuru atariyo kugarwa canke bagafungwa kuko numumenyesha makuru ashaka kuvuga ukuri kumwuga wiwe abeshe akabihanirwa ivyo bibaye uburundi amahoro (iparadizo)yoboneka

  • Murindire gatoyi u Rwanda rwugare inzira zahora zicamo igitoro kiza ngaha mu Burundi,muzoba abande?erega Peter Nkurumbi nasabe ikigongwe Nyakubahwa Paul Kagamé,Abarundi dufise kigoyi,buruguri y’Abachinois yahezwe n’igitoro cabaye ndanse,ni hatari ndaq

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.