IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubumwe bwa Buraya bwagumijeho ingingo yari yafatiwe Uburundi

Ubumwe bwa Buraya bwagumijeho ingingo yari yafatiwe Uburundi

mardi 4 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Inyuma y’iminsi ibiri yari iheze intumwa z’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ziri mu nama y’ukurabira hamwe n’abaserukira Reta y’Uburundi, aho ivyo Uburundi bwari bwiyemeje kwubahiriza bigeze mu bijanye n’agateka muntu hamwe n’ubwigenge, ubumwe bwa Buraya bwemeje ko ingingo Reta y’Uburundi yari yafatiwe n’ukudahabwa imfashanyo zishikira mu kigega ca Reta igumizwaho.

Iryo shirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rikaba rigiye kubandanya rifasha mu bisata vy’iterambere rishikira abanyagihugu ubwabo, nk’amagara y’abantu, uburimyi n’ibindi.

Iyo nama hamwe n’abaserukiye Uburundi barongowe na Alain Aimé NYAMITWE ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, yabaye mu ntumbero y’ukurikiranwa ry’ingingo ubumwe bwa Buraya bwari bwafashe kw’igenekerezo rya 14 Ntwarante 2016, mw’ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’i Cotonou. Kuri iryo genekerezo, ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ryafashe ingingo y’uguhagarika imfashanyo zose zahora zihabwa Uburundi, hamwe n’uguhagarika burundu imfashanyo z’ugushigikira ikigega ca Reta zahora zihabwa Uburundi. Iryo shirahamwe ryagumijeho gusa imfashanyo zishikira abanyagihugu ariko zidaciye mu kigega ca Reta. Iyo ngingo ikaba ariyo yagumijweho.

Koen Vervaeke, umuyobozi mukuru ajejwe Afrika mu gisata c’ibikorwa vy’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya yamenyesheje ko muri iyo nama, baganiriye n’intumwa za Reta y’Uburundi aho ico gihugu kigejeje ivyo ciyemeje mu bijanye n’ukurondera inyishu y’ibibazo vya poritike biri mu Burundi, ibijanye n’agateka ka zina muntu, ubwigenge bw’abanyagihugu, hamwe n’ama dosiye ari mu butungane.

Vervaeke yashikirije ko ubumwe bwa Buraya bugitewe amakenga n’agateka ka zina muntu katariko karubahirizwa mu Burundi, amenyesha kandi ko iryo shirahamwe rigishigikiye iyubahirizwa ry’amasezerano ya Arusha, kuko ariyo yazanye amahoro mu Burundi.

Reta y’Uburundi yasabwe kubandanya gukorana n’umuhuza Benjamin William Mkapa asanzwe ariwe yatowe n’abakuru b’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko. Ku bijanye n’uruhara rw’ibiganiro bibera mu Burundi, Koen Vervaeke yamenyesheje ko bidahuza bose kubera hari abarundi benshi hamwe n’abanyeporitike bahunze igihugu, bakaba badashobora kwumvirizwa n’uwo murwi. Reta ikaba yasabwe ko hotorwa umuti urama utuma abahunze bahunguka.

Izo ntumwa z’ubumwe bwa Buraya zasavye kandi Reta y’Uburundi ko yokwemera ivyashikirijwe n’abahinga ba ONU mu bijanye n’agateka ka zina muntu, Reta yongere izokwemere kandi gukorana n’umurwi w’amatohoza ugiye kurungikwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Inama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu iheruka kwemeza ingingo ishiraho umurwi w’amatohoza ku Burundi. Uwo murwi ufise ikiringo c’umwaka umwe kugira uzobe washize ahabona icegeranyo c’ivyo washitseko, mu kwerekana abakora ubugizi bwa nabi mu Burundi, hamwe n’ugushikiriza ivyokorwa kugira abazoba bagirijwe ubwo bugizi bwa nabi babibazwe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.