IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bugiye kugira ijambo mu nteguro n’ingingo zizofatirwa muri (...)

Uburundi bugiye kugira ijambo mu nteguro n’ingingo zizofatirwa muri EALA

vendredi 9 février 2018

Umushingamateka Christophe NDUWAYO avuga ko muvyo bagiye gukora, harimwo guhimiriza Uburundi n’akarere ka Afrika y’Ubuseruko, kugira bashire mu ngiro ingingo n’amategeko aba yemejwe n’inzego z’akarere.

Uwo mushingamateka aserukira uburundi mu nama nshingamateka y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko EALA, avuga ko kuba bari muri ivyo bibanza bizobafasha gushikiriza bimwe mu bibazo bihanze igihugu,abarundi eka mbere n’akarere.

Ku kibazo c’imigenderanire hagati y’Urwanda n’Uburundi kandi vyose bisangiye ishirahamwe, umushingamateka Christophe NDUWAYO avuga ko ari ibibazo bikomeye cane, kuko ingaruka zavyo zigaruka ku banyagihugu.

Avuga ati : Ibibazo biri hagati y’Urwanda n’Uburundi, n’ibibazo bikomeye cane kuko ingaruka yavyo zibangamira abanyagihugu bo ku mbibe z’ivyo bihugu, eka bigatuma n’imigambi y’akarere ka EAC idashirwa mu ngiro nk’uko vyategerezwa.

Umushingamateka Christophe NDUWAYO agasigura ariko ko, hari icizere ko mu gihe hari urwego mu nama nshingamateka EALA rujejwe ivyo bibazo, kandi rukaba rurongowe n’umurundi,umushingamateka Victor BURIKUKIYE, azokora ibishoboka vyose kugira ico kibazo gitorerwe umuti.

Uburundi buserukiwe n’abashingamateka babiri mu biro birongoye inama nshingamateka EALA, uwundi akaba ari Leontine NZEYIMANA yahoze ari umushikiranganji w’Uburundi ajejwe iyinjira mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.

Umushingamateka Christophe NDUWAYO yatowe ngo aserukire Uburundi mu nama nshingamateka y’Akarere ka Afrika y’Ubuseruko EALA, asanzwe yatowe mu ntara ya Cibitoke, mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.