IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi busaba ko n’ibindi bihugu vyakiriye impunzi z’Abarundi vyorabira (...)

Uburundi busaba ko n’ibindi bihugu vyakiriye impunzi z’Abarundi vyorabira kuri Tanzaniya

mardi 27 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Nk’uko bishikirizwa na Therence NTAHIRAJA, umuvugizi, akaba n’umwunganiri w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, iyo nama y’iminsi itatu iriko ihuza i Bujumbura ishirahamwe mpuzamakungu HCR hamwe na Reta y’Uburundi, ni iy’ugufasha kwerekana ibitigiri vy’impunzi ziri muri Tanzaniya, hamwe n’ukurabira hamwe ingene abo barundi botahukanwa ku bwinshi.

Therence NTAHIRAJA asaba n’ibindi bihugu vyakiriye impunzi z’Abarundi ko zorabira kuri Tanzaniya, bifashanye na Reta y’Uburundi mu gikorwa c’ugutahukana impunzi zivyipfuza.

JPEG - 93.8 ko
Therence NTAHIRAJA, umuvugizi, akaba n’umwunganiri w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bamenyesha ko mu ntumbero y’ugufasha abipfuza gutahuka, hari umugambi w’uko abahungutse basubizwa mu bihugu bahoramwo, kugira baje kubwira abandi ingene vyifashe.

Iyo nama y’iminsi itatu izosozerwa kuri uwu wa gatatu, ingingo z’ivyokorwa zikaba zizoshikirizwa imbere y’abashikiranganji babiri, uw’Uburundi na Tanzaniya bajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, hamwe n’abaserukira ishirahamwe mpuzamakungu HCR rikurikira ivy’impunzi.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.