IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bushobora gutakaza ivyaranguwe mu myaka 20

Uburundi bushobora gutakaza ivyaranguwe mu myaka 20

mardi 29 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Ishirahamwe OLUCOME riragabisha ko ata gikozwe, ibintu vyose abarundi bashitseko mw’iterambere mu myaka 20 bishobora gusenyuka, kubera ingene abanyeporitike bigenza, ntibabone ibibazo bihari.

Iryo shirahamwe rirwanya abarya igiturire rivuga ko benshi mu banyeporitike b’Abarundi bigumira mu majambo asosa ya poritike gusa, ntibarondere gutora umuti w’ibibazo nyamukuru bihari, n’ubukene buhari ntihagire uwubuvuga.

Kubwa Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME, inkomoko y’ibibazo biri mu Burundi ni intwaro mbi ifatiye kuri poritike n’ubutunzi, aho abanyeporitike bareka gufata mu minwe ibibazo vy’ubutunzi, bakaguma mu mvugo za poritike. RUFYIRI ati : "Uburundi bushobora kumera nka Somalia, Libia, Irak, aho usanga abantu baguma baryana, ariko ata kintu kizana ineza y’igihugu bariko baravuga."

JPEG - 52.4 ko
Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME

Mw’ishirahamwe OLUCOME bakabona ko imvugo za poritike zari zikwiye gukoreshwa ari izotuma abarundi begerana, bakababwira imigambi y’iterambere, kurwanya ubushomeri, gusubiza agaciro amafaranga y’Uburundi, abavuga bose bagahiganisha imigambi y’ugutora umuti w’ivyo bibazo.

Mu migambi y’ukurwanya igiturire, Uburundi buri mu bihugu birya igiturire kurusha ibindi, OLUCOME ikavuga ko ivyo vyerekana igihugu gifise intwaro mbi, ari nayo ituma igihugu kija mu bibanza bitari vyiza.

Gabriel RUFYIRI agasaba abarongoye Uburundi ko bokwiyumvira inkomoko y’ivyo bibazo, bareke ukwikunda n’ugukunda amafaranga n’ubutegetsi, ahubwo biteho guteza imbere abanyagihugu babashize imbere.


IGIHE

Messages

  • erega rufyiri warayinze tabaza abaganga bakuvure na cnared yawe yariye amahera kubabirigi yôkugura uburundi.Mugabo kirimwo abagabo

  • NONE WEWE UVUGAKO HARITWARONBI UBAHE CANKE KO ABARUNDI UBAVUGIRA KUMUSI MUGIHUGU COSE UGABURIRA BANGAHE PFUGWAWE ESE KUVU NGO BARYA IBITURIRE NTAMIGANBI UBONA IRI GUKOGWA URI MUBIRIGWA BATUKA IGIHUGU BURYAWEWE KUGITURIRE WOKWERA ZAMUGA MAKEW EREGA NTAWUZO BASHIMIRA

  • YAVUGA NTIYAVURA, IVYOYAVUZE VYINSHI UBU BIRIKO BIRAGARAGARA, BURYA BUCERI MUHENDESHA ABANYAGIHUGU BAGOWE NIBWO MUZOBATUNGA MUMINSI IRIMBERE, BIRYA VYEREKANA AMAPFA. EGO DATA, UWUTABONA UBUKENE BURIMUGIHUGU W, AHOMUGEZE GUTOZA MAYIBOBO WOMWIBARABARA NGAWBUGURE MURYE, MWAPFUYE MUGENDA, NTANKEKA IMANA ITABAVUMYE MWE MUMUBESHUZA

  • Urumushingantahe abushitsi uravugisha ukuri utaravye igihagararo cumuntu, uburundi bworonka abagabo nkamirongitanu bameze nkawe bwokwogorora. Nayabandi baje kwiyibira ubutuzi bwigihugu ntamigambi bafise mumitwe yabo mushingantahe.

  • Ewe MISAGO Michel Hamwe Na RICHO Za Mutegeza Imbere Yokugira Ico Uvuga mumakuru Mwasomye Muzohore Mwiyumvira Imbere Yo Kwandika Kubera Ivyo Mwanditse Nta Sano Bifise Nivyo Mwasomye Muraya Makuru OLUCOME yasohoye.

  • None Ivyo Uvuga Na Barundi Babigutuma Canke Ninda Yawe Igusumbuwa ?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.