IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwakiriye inama igira 7 y’abaporisi b’abakristu

Uburundi bwakiriye inama igira 7 y’abaporisi b’abakristu

lundi 13 novembre 2017

Abafashe amajambo bose muri iyo nama yatunganijwe n’ishirahamwe ry’abaporisi b’abakirisu muri Afirika hamwe no kw’isi yose bamenyesheje ko iyo umuntu ashize Imana imbere mu gikorwa ciwe bituma akirangura neza ,ari na co gituma n’umuporisi w’umukristu iyo ashize Imana imbere bimufasha gukora neza igikorwa ciwe, kandi agaha iteka Imana.

Pasitori Severien Nitunga arongoye ishirahamwe ry’abaporisi b’abakirisu mu Burundi (CPABU:Christian Police Association of Burundi) yamenyesheje ko umuporisi w’umukristu ashira Imana imbere muvyo akora vyose bituma akora neza akazi ajejwe

Severien Nitunga yavuze ko abaporisi bashize Imana imbere ata giturire bokwakira, kandi ibintu vyose bakora vyotuma bigenda neza kuko uwushize Imana imbere agira Ubuntu , kandi n’Imana ikaba isaba kugira urukundo.

JPEG - 183.6 ko
Iyo nama yuguruwe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA

Uwo arongoye ishirahamwe ry’abaporisi b’abakirisu mu Burundi avuga ko iyo nama izofasha abaporisi bavuye mu mihingo itandukanye guhanahana ivyiyumviro n’ubumenyi mu bijanye n’ibikorwa vy’abo vya misi yose.

Tubibutseko iyo nama yatanguye kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 13 Munyonyo igira indwi itunganijwe n’iryo shirahamwe, igihugu c’Uburundi kikaba kiyakiriye ku ncuro ya kabiri. Iya mbere ikaba yabereye mu Burundi mu mwaka wa 2007.

Iyo nama ikazokwitabwa n’abaporisi150 bavuye mu bihugu vya Canada,RDC,Ghana,Inde,Kenya,Nigeria,Malawi,Afrique y’Epfo, Sudani y’Epfo,Togo, Ubwongereza, Amerika, Zambiya hamwe n’Uburundi, ku civugo “Umuporisi w’umukristu, seruka wongere ube umuco w’abandi”.


Vianney BIKORIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.