IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwatanze uwubuserukira mu matora y’uwugiye kurongora (...)

Uburundi bwatanze uwubuserukira mu matora y’uwugiye kurongora EALA

lundi 18 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Ibihugu bitatu arivyo Uburundi, Urwanda na Tanzaniya nivyo bihiganirwa ico kibanza c’ukuyobora inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko. Uburundi buserukiwe na Leontine NZEYIMANA yigeze kuba ari umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’ubuseruko, ubu akaba ari umushingamateka wa EALA. Ahiganwa n’abandi babiri baserukira Urwanda na Tanzaniya, abo nabo ni umushingamateka Martin Ngoga w’Urwanda, hamwe n’umushingamateka Adam Kimbisa wa Tanzania.

JPEG - 3.5 Mo
Umushingamateka Leontine NZEYIMANA, aserukira Uburundi muri ayo matora

Mu gihe umushingamateka Leontine NZEYIMANA aserukira Uburundi yotorerwa kuyobora EALA, ryoba ribaye irya mbere irongowe n’Umurundi, aho mukamenye ko n’Urwanda rutarayobora iyo nama nshingamateka kuva umuryango wa Afrika y’ubuseruko ubayeho mu mwaka w’2007.

Ikiringo ca mbere c’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko (EALA) catanguye kuva mu 2001 gushika 2006 kirongowe na Abdulrahman Kinana wa Tanzaniya. Ikiringo ca kabiri catanguye kuva mu 2007 gushika mu 2012) kiyobowe na Abdirahim Abdi wa Kenya. Ica gatatu catanguye kuva mu 2012 gushika mu 2017) kirongowe na Daniel Fred Kidega wa Uganda, ari nawe ahava akorerwa mu ngata, inyuma y’amatora aba kuri uwu wa mbere.

JPEG - 96.8 ko
Umushingamateka Martin Ngoga aserukira Urwanda muri ayo matora

Inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko yategerezwa kuba yatanguye ibikorwa kuva kw’igenekerezo rya 5 Ruheshi 2017. Amezi hafi umunani akaba ariyo yari aheze abo bashingamateka bataratangura ibikorwa, bitewe n’igihugu ca Kenya kitari bwatore abagiserukira.

Abashingamateka baserukira ibihugu biri muri iyo nama nshingamateka barahira icese kuri uwu wa mbere, akaba ari naho baca batangura ku mugaragaro amabanga bashinzwe.

JPEG - 301.6 ko
Umushingamateka Adam Kimbisa aserukira Tanzania muri ayo matora

Mu nama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko, Uburundi buserukirwa n’abashingamateka icenda. Muri abo, batanu bakomoka mu mugambwe CNDD FDD, babiri bo mu runani rw’Abigenga MIZERO Y’ABARUNDI, umwe wo mu mugambwe UPRONA, hamwe n’umwe aserukira ubwoko bw’Abatwa.

Abashingamateka icenda baserukira Uburundi muri EALA :

CNDD FDD : Muhirwa Jean Mairie, Burikukiye Victore, Karerwa Momamo, Leontine NZEYIMANA, Rurakamvye Pierre Claver.

Abo muri AMIZERO Y’ABARUNDI : Nsavyimana Sophie, Nduwayo Christophe

Uwo muri UPRONA : Burikukiye Marie Claire

Uwaserukiye ubwoko bw’abatwa : Ahingejeje Alfred

Abashingamateka bose hamwe b’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko ni 54, bakaba baserukira ibihugu bitandatu bigize uwo muryango arivyo : Burundi, Kenya, Ouganda, Rwanda, Tanzania hamwe na Sudani y’epfo.

JPEG - 69 ko
Abashingamateka icenda baserukira Uburundi muri EALA

Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.