IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ubushikiranganji bw’umutekano buragabisha abashaka gutoba amatora y’ibwirizwa (...)

Ubushikiranganji bw’umutekano buragabisha abashaka gutoba amatora y’ibwirizwa shingiro

mardi 13 février 2018

Ashikiriza uko umutekano wari wifashe mu kwezi kwa mbere kw’umwaka wa 2018, kur’uno wa mbere igenekerezo rya 12 Ruhuhuma 2018,umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE, yamenyesheje ko urwego rw’igiporisi rwamaze gushikirizwa amategeko akwiye ajanye no gucungera amatora.

Pierre NKURIKIYE yavuze ati :“Nta bintu vy’umukino birimwo,igiporisi ntikizokwemera abaza kwigira akananiramahanga yaba umunyeporitike canke umuntu uwariwe wese azoba ashaka gutoba ayo matora,igiporisi kibaye kirabagabisha.

Uwo avugira ubushikiranganji bw’umutekano asaba abantu bose kwubahiriza ibiringo bikuru vy’igihugu.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano yateye akamo urwaruka rukunda gukoreshwa n’abanyeporitike rugerageze kwirinda guhendwa ntirujanwe mu vya poritike,ariko rubandanye amashure yarwo.

Pierre NKURIKIYE yavuze ati : “Uraba wumva birenge niwe ubarirwa, kandi inkware zisezerana mu masesa.” ati : “Nta sokwe niruze,abantu bavyumve,uwuzowucana azoheza awote.

Mu ndwi iheze harafashwe abanyeshure 3 hamwe n’umwigisha 1 muri komine Nyamurenza bagirijwe kwigisha inzu ku nzu kuzotora Oya mu matora y’ibwirizwa shingiro yimirije.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano avuga ko,abo banyeshure bavuze ko uwabatumye yabemereye kuzobaha amafaranga hamwe n’amakaye ,uwo mwigisha nawe yavuze ko uwamutumye akora muri sentare yubahiriza amatungo ya Reta.


BIKORIMANA Vianney

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.