IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubushikiranganji bw’umutekano buza ubwa mbere mu bakoze neza

Ubushikiranganji bw’umutekano buza ubwa mbere mu bakoze neza

mercredi 11 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Kuri urwo rutonde, ubushikiranganji bw’umutekano buza mu kibanza ca mbere n’amanota 87,53 kw’ijana, ubwa kabiri hakaza ubushikirananji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ku manota 81,73 kw’ijana.

Ubushikiranganji bw’intwaro ibireye buza mu kibanza ca gatatu ku manota 80,02 kw’ijana.

Ubwa kane ni ubushikiranganji bw’ubutungane bufise amanota 79,52 kw’ijana.

Ubushukiranganji bw’ibikorwa vya Reta buza ubwa gatanu ku manota 73,77.

Mu kibanza ca gatandatu haza ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu ku manota 70 kw’ijana.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bugira indwi ku manota 67,85 kw’ijana.

Mu kibanza c’umunani arico ca nyuma, haza ubushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi muri Afrrika y’ubuseruko bufise amanota 65,88 kw’ijana.

Tubibutse ko ico cegeranyo gisohotse inyuma y’imisi mike icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO ashikirije imbere y’inama nshingamateka ivyaranguwe n’ubushikiranji bumwegukira.


Vianney BIKORIMANA

Messages

  • Ubushikirangaji bw’umutekano bwoza ubwa mbere/ bworonka amanota menshi gute hanyuma igihugu kikaba ica nyuma mubijanye no gukingira agateka ka zina muntu? Mugani wa wundi abategetsi barabonye yuko Abarundi turi ibihwiji.

  • Ubushikiranganji bw’umutekano reka buze imbere none ko bujejwe kuwuhungabanya kandi akaba arivyo DD yipfuriza Abanyagihugu,hama ubushikiranganji bwa EAC reka bube ubwanyuma none ko intwererano twazitangirwa n’u Rwanda tukaba twarabikuyeko,ngizo rero résultats z’uburongozi bubi bwa Peter butagira vision na nkeya

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.