IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uganda:Abakoresha urubuga ngurakanabumenyi Whatsapp bagiye gutangishwa (...)

Uganda:Abakoresha urubuga ngurakanabumenyi Whatsapp bagiye gutangishwa ikori

jeudi 31 mai 2018

Amakuru dukesha BBC amenyesha ko iryo tegeko ryemejwe n’inama nshingamteka kandi rizotangura gushirwa mu ngiro mu ntago kwa Mukakaro kandi no guhanahana amafaranga biciye ku mbuga ngurukanabumenyi nka facebook navyo nyene biri mu bizotangishwa ikori.

Ayo makuru abandanya avuga ko, bamwe mu baharanira agateka ka zina muntu batashimishijwe n’iryo tegeko ,rimaze gusohoka bamenyesheje ko ari inzira yo kubuza no kuburagiza abashaka gushikiriza ivyiyumviro vyabo.

Bamwe mu bashingamateka mu gihugu c’Ubuganda, batashigikiye iryo tegeko bavuze ko kubera abakoresha urubuga rwa whatsapp bagura ama inite kugira barukoreshe iryo rindi kori rije kubacinyiza bimwe birengeje.

Abandi nabo bavuze ko iryo kori rije kwongerera umuzigo abakene bari basanzwe bikoreye.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.