IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uhuru Kenyatta na Raila Odinga biyemeje kunywanisha abakenya

Uhuru Kenyatta na Raila Odinga biyemeje kunywanisha abakenya

vendredi 9 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Kenyatta na Raila Odinga bumvikanye ko bagiye kuraba ingene bogarura abanyagihugu bakaja hamwe, Raila avuga ko igihe co gutorera inyishu ubudasa buri hagati yabo cageze.

Uwo mugambi ku ruhande rw’umukuru w’igihugu Kenyatta uzohagararirwa na Ambassadeur Martin Kimani, mu gihe umuhanuzi wa Odinga, Paul Mwangi azohagararira Odinga, ivyo bikavugwa mw’itangazo ryasohowe inyuma y’uwo mubonano.

Uwo mubonano ubaye hasigaye umwanya muto ngo umushikiranganji wa Amerika muvy’imigenderanire, Rex Tillerson ashike mu gihugu.

Ivyo bibaye kandi mu gihe igihugu ca Amerika camye gisaba ko hatunganywa ibiganiro vyotuma uruhagarara rwa politike rwadutse inyuma y’amatora yo mu mwaka uheze ko rworangira.

Umukuru w’igihugu Kenyatta yavuze ko bemeranije na Odinga ko igihugu ca Kenya gihambaye kurusha inyungu z’umuntu umwe, ko bikwiye ko izo ndongozi zumvikana.

Muri iryo tangazo bavuga ko mu vyumvikanyweko, abo baganiriye bahuriza kuri ibi : "Gushira hamwe abanyagihugu no kuvugana ingorane zugarije igihugu cacu, tukubaka igihugu gifise ubumwe kugira ntihabe umunyagihugu yumva ko akumiwe. Ino ni intango nshasha ku gihugu cacu. Turashobora kutabona ibintu kumwe, ariko tukaguma turi kumwe nk’abakenya."


Callixte Carpe NDIKUMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.