IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umukozi wa OBR yafatiwe ku kazi yagirizwa gukoresha ibidodo vya (...)

Umukozi wa OBR yafatiwe ku kazi yagirizwa gukoresha ibidodo vya magendu

mercredi 29 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Philbert NDIHOKUBWAYO, umukozi w’ikigo OBR kijejwe gutoza amakori n’amatagisi mu Burundi yafashwe kuri uwu wa gatatu, abakozi b’igendereza ry’Uburundi bakaba bamusanze ku kazi.

Umuvugizi w’igiporisi, OP1 Pierre NKURIKIYE aremeza iryo fatwa ry’uwo mukozi wa OBR, akamenyesha ko yagirizwa ugukoresha ibidodo (Cachets) vya magendu, mu kworohereza abadandaza bashora ivyuma hanze batarishe amakori mu kigega ca Reta.

"Yahora aca abaha impapuro zerekana ko ari OBR ibemereye kurungika ivyo bintu, gutyo bagaheza bakabijana hanze batarinze gukurikiza inzira y’amategeko. Yafashwe ubu ariko arabazwa.", uko niko OP1 Pierre NKURIKIYE yabishikirije, ariko akabeshuza ibivugwa ko uwo Philbert NDIHOKUBWAYO asanzwe ari umunywanyi wa FNL ya Rwasa Agathon yoba yafashwe kubera imvo za poritike.

"Yafatiwe icaha kitegekanijwe n’amategeko y’Uburundi, umuntu afashwe yatanze impapuro za magendu, yakoresheje n’ikashe y’inyiganano y’aho asanzwe akorera muri Reta kugira ahomvye amafaranga yaterezwa kwinjira muri Reta, wumva imvo za poritike zoba zirimwo ari izihe?"

Umuvugizi w’igiporisi yamenyesheje kandi ko hari uwundi mukozi wa Reta asanzwe ari umunyamabanga mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu yafashwe kuri uwu wa kabiri yagirizwa ko yariye igiturire c’amafaranga ibihumbi ijana, kugira atange urupapuro rwa magendu ku bantu bari barumutumye bari mu gihugu ca Oman.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.