Umukuru w’igihugu yagabishije abakorera mu mashirahamwe y’uguhamagarana

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 6 Kigarama 2017 saa 09:59
Yasomwe : 39123
0 0

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA aragabisha abakorera mu gisata c’ugutumatumanako amakuru hakoreshejwe Terefone ngendanwa avuga ko batoza amafaranga menshi mu bikorwa barangura, ariko ntibatange amakori. Umukuru w’igihugu NKURUNZIZA yatanze ikiringo ntarengwa, kugira ico kibazo kizobe catorewe inyishu.

Mu birori vy’uguhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe umutangakori, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko bibabaje kubona hari abategerezwa gutanga amakori, ariko bakavyirengagiza kubera umutima mubi.

"Turagayiye cane abategerezwa gutanga amakori batayatanga kubw’ukugagaza canke kubw’umutima mubi kandi bariho."

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yavuze bamwe mu birengagiza gutanga amakori, abo nabo akaba ari abakorera mu mashirahamwe y’ugutumatumanako amakuru, abamenyesha ko abakariye, yongera abasaba kwisubirako."

"Turakariye cane abantu bakorera mu mashirahamwe ajejwe guhanahana amakuru (Téléphonie mobile). Guhera uno munsi mugende mwikubite agashi kuko ama raports dufise arerekana neza ko ata mutima mufise mwiza w’ugutanga amakori kandi ari mwebwe mwegeranya amafaranga menshi y’abarundi."

JPEG - 89 ko
Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA avuga ko abenshi muri abo baheranye amamiriyaridi menshi y’amakori kandi badasiba kuyinjiza.

"Bavoma amafaranga y’Abarundi mu muyaga, bakegeranya bagaca binumira."

Petero NKURUNZIZA yahamagariye inzego zibijejwe gufata mu minwe ico kibazo, atanga n’ikiringo ntarengwa.

"Turipfuza ko inzego zibijejwe n’ubushikiranganji bubijejwe, mu mezi atarenga atatu ari imbere, muzoba mwabashize ku murongo kugira ako gahaze kahave ubutakigaruka. Ayo mezi atatu aheze ataco mukoze, inyuma y’aho tuzofata izindi ngingo zikomeye zizotuma mubikora."


Kumenyekanisha

1
Kimo 6-12-2017 à 15:31

Amahera yo kubika muri Panama Papers yagabanutse,Nkurunziza Peter akeneye ayandi, Barundi barundikazi,nimwishure canke mu meswe

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha