Accueil > Amakuru > umutekano > Umuporisi yagirizwa gushaka kwica umushikirizamanza mukuru wa Rumonge (...)
Umuporisi yagirizwa gushaka kwica umushikirizamanza mukuru wa Rumonge yiyahuye
vendredi 8 Nyakanga 2017, par
Uwo muporisi yagira agandagure uwo mushikirizamanza yamusanze mu biro kuri uwu wa kane, yitwaje imbugita, akaba yateshejwe n’abaporisi bacungera umutekano w’uwo mushikirizamanza.
Mu gihe vyari bitegekanijwe ko aciribwa urubanza rw’ikibiriraho, Sentare nkuru ya Rumonge yafashe ingingo y’ukuzobandanya kumwumviriza kuri uwu wa gatanu, kuko vyari vyamenyekanye ko afise abandi bari kumwe muri uwo mugambi w’ukugandagura uwo mushikirizamanza.
Mw’ibohero aho yari yaraye, uwo muporisi yiyahuye akoresheje umusegetera, akaba yasize yanditse urwandiko tutashoboye kumenya ibirimwo.
Mu butungane mu ntara ya Rumonge bamenyesha ko bazokorera kuri urwo rwandiko, kugira bashobore kubandanya amatohoza ku catumye uwo muporisi agerageza kugandagura umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya Rumonge, hamwe n’abo bari kumwe muri uwo mugambi.
Egide NDUWIMANA
Messages
8 Nyakanga 2017, 15:50, par nephtalie
None aboba barabimutumye ubu ntacirwa bahakuye?Nibareke abarundi bitekanire .Koyiyahuye ntakundi .Nagende nawe nyene yagomba kwica abarundi barayamaze bati urugerera mu kaso rugatwara nyoko.
9 Nyakanga 2017, 01:22, par Ntahondi fabiyano
Ubwo nububeshi nimwe mwamwishe!
mwibohero hafungiwe amasinzi ya bantu ntamuntu yoshora kuhiyahurira never.
Akokajede mwama mwako turakamenyereye.
9 Nyakanga 2017, 04:17, par BUSURAHENDE
Ko ubutungane bwamufashe agafungwa, hanyuma akagwa mu minwe yabwo wumva hatarimwo amahinyu? Ahubwo biteye amakenga, ubutungane ni bwaba bukiriho ni ugukorera ubwa mbere kuri uwo mushikirizamanza. Nta muntu ashobora kwiyahura aboshe atari mu Burundi. Noneho urumva ko nivyo badandikanya ko yashatse kwica uwo mucamanza ko bidafashe kuko yari acungerewe bikomeye. Ikosa ni uko yari umupolisi, ivyo navyo ni ibisanzwe kuva 2015.