IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurimyi Karori MBONANKIRA yatanze intererano y’amatora

Umurimyi Karori MBONANKIRA yatanze intererano y’amatora

jeudi 7 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Intererano y’amafaranga ibihumbi amajana atanu vy’amarundi (500.000 Frs BU) niyo Karori MBONANKIRA yashize mu bubiko (Compte) bwagenewe abashaka guterera amatora buri muri Banki nkuru y’igihugu i Bujumbura. Uwo murimyi-mworozi atera akamo n’anadi barimyi guterera amatora uko bashoboye.

"Jewe ndi umwe mu barimyi-borozi, kandi murazi ko abarimyi turi benshi. Natwe abo benshi dukwiye gushigikira amatora nk’uko Kizigenza Nyenicubahiro umukuru w’igihugu yavuze ko umurundi wese yiyumva ko igihugu ari iciwe yoshigikira amatora kugira ntiturinde kuzera inze."

JPEG - 1.2 Mo
Umurimyi-mworozi Karori MBONANKIRA

Karori MBONANKIRA avuga ababishoboye boterera kuko amatora atabaye kugira hajeho inzego zitorewe n’Abarundi, ibintu vyose bica bipfa.

"Nta burimyi bubaho, nta bworozi bubaho, nta budandaji bubaho, nta mahinguriro abaho iyo ata matora abaye. Nkaba ntera akamo abandi barimyi ko nabo nyene uko Imana ibahaye ubushobozi ko boterera kugira twese dukore ico gikorwa."

Tubibutse ko mw’ijambo yashikirije umunsi Uburundi bwahimbaza imyaka 55 iheze bwikukiye, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yabwiye Abarundi ko mu gushigikira amatora yo mu mwaka wa 2020, bararikiwe gutanga intererano zabo kuri konte inomero 1110/267 yuguruwe mw’ibanki nkuru y’igihugu.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Arakoze cane kandi bamwe bavuga ngo ni publicité ni bateshwe bate numutima w’umwenegihu

  • @Nkeshimana: Agize uwa kangahe atanze iyo ntererano wewe wabikwirikiranye? Hari n’abarindiriye guterera bamaze kumenya aba Candidats, kandi si ukuvuga ko bayabuze. Abo ni cane cane abadakenyeye kuvuga ngo: "iyomenya..."

  • jewe maze imyaka hafi cumi ndumurimyi maze imyaka ine ntanga ibiganiro kumboneshakure nokumaradiyo nagiye mumafare atandukayejewe sinagomvye pibirisite ndayikorera kuri site wb kuri fcbuk kuri yutub ahubwo ndatahura akamaro kamatora kandi sindi mubazitoza harabibaza ko jewe nzitoza oya jewe ndumurimyi nitavye akamo ka NYENICUBAHIRO UMUKURU WIGIHU ugize amakenga raba site wb ucubonako mfise aho menyekanishiriza ivyo nko site wb/ www.cpsburundi.org

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.