Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Umuririmvyi Spok’s abarizwa mu bitaro
 Umuririmvyi Spok’s abarizwa mu bitaro
 Umuririmvyi Spok’s abarizwa mu bitaro
				
				mardi 3 Gitugutu 2017
Spok’s agira akwize amasaha mirongo ibiri n’ane(24h) ari ku musego w’ibitaro. Spok’s yoba ariko avugwa indwara ya malaria. Uwo muririmvyi arwariye mu bitaro vy’ababikira bibangabanganywe n’iduka 2000 iri mu gisagara ca Bujumbura.
Amakuru atangwa n’abagenzi b’umuririmvyi Spok’s , avuga ko ribaye irya mbere yinjira mu bitaro canke afata umuti wa malariya.
 
- Umuririmvyi Spok’s aryamye mu bitaro
Tubibutse ko Spok’s yaramaze iminsi avuye mu gihugu ca Kenya aho yariko akorera ibikorwa vy’umuziki. Ikindi twobibutsa n’uko uwo muririmvyi yariko yitegurira gushira ahabona urukurikirane rwiwe rwa mbere mu mpera za Munyonyo uno mwaka.
Cherif NKESHIMANA
