IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurundikazi mwiza agiye gutorwa mu Bubirigi

Umurundikazi mwiza agiye gutorwa mu Bubirigi

mercredi 6 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Young East hamwe na Thebunikorn Entertainment n’iyo mashirahamwe abiri yagiye hamwe kugira ategure ihiganwa rya Miss Burundi Belgium.

Iryo higanwa ryateguwe mu ntumbero yo guteza imbere ubwiza n’akaranga vy’Uburundi, hamwe no guhagarira iguhugu mu makungu. Abateguye iryo higanwa bavuga bati :

« Uburundi si burya dusoma canke tubona mu bimenyeshamakuru ».

Abateguye iryo higanwa bavuga ko iyindi ntumbero ari ukwerekana ko naho Uburundi buhitiye mu bihe bibi vya poritike, hari ho n’ibindi vyiza vyo kurata.

Miss Burundi Belgium ni ihiganwa rije kandi guhesha iteka umwigeme w’umurundikazi, uwuzotorwa rero azoheza abe umuserukizi w’urwaruka rw’Uburundi mu Bubiligi, eka ahandi.

Ihiganwa ririko ritegurwa ku buryo butanzwe nayo mashirahamwe ubwayo, kugira na ntaryo bereke urwaruka rw’Uburundi ko rutegerezwa kuba ico rushaka aho kuzera inze, hamwe no guha agaciro imicokama vy’igihugu.

Tubamenyeshe ko ihiganwa rya Miss Burundi Belgium rizoba kw’igenekerezo rya cenda Nyakanga muri Bubiligi.


Cherif NKESHIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.