Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi CVR wagenye abawuserukira mu gisagara ca Bujumbura
 Umurwi CVR wagenye abawuserukira mu gisagara ca Bujumbura
 Umurwi CVR wagenye abawuserukira mu gisagara ca Bujumbura
				
				lundi 16 avril 2018
Reverand Pasteur Christian NTIRURIKURE yagenywe mu kibanza c’umukuru w’urwego nyobozi rw’umurwi ujejwe ukuri no kunywanisha abarundi (CVR) mu gisagara ca Bujumbura.
Kw’itegeko ry’umurwi ujejwe ukuri no kunywanisha abarundi ryo kuwa 13 Ndamukiza 2018, Christian NTIRURIKURE agenywe kuba umukuru w’urwego nyobozi rw’umurwi CVR mu gisagara ca Bujumbura.
Abandi bagenywe muri urwo rwego mu gisagara ca Bujumbura ni ivyegera 2 aribo Eurydice GAHIMBARE hamwe na Godelieve BIGIRIMANA.
BIKORIMANA Vianney
