IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi ugira kabiri w’abayoboke ba Zebiya bahora mu Rwanda washikanwe mu (...)

Umurwi ugira kabiri w’abayoboke ba Zebiya bahora mu Rwanda washikanwe mu Burundi

lundi 2 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Urwanda n’ayandi makungu Louise MUSHIKIWABO amenyesha ko icatumye impunzi ziheruka kwakirwa zivuye mu gihugu ca Reta iharanira intwaro rusangi ya Kongo zitahukanwa, ari uko zanse gukurikiza amategeko y’igihugu c’Urwanda hamwe n’amategeko mpuzamakungu agenga impunzi.

Nk’uko tubisoma mu rwandiko inomero 161/09.01/CAB.MIN/18 uwo mushikiranganji yandikiye mugenzi we w’Uburundi kw’igenekerezo rya 31 Ntwarante 2018, Louise MUSHIKIWABO amenyesha ko abo barundi banse guharurwa hakoreshejewe uburyo bwa none bongera banka ko abana babo bari munsi y’imyaka 5 bahabwa urucanco.

Uwo mushikiranganji w’Urwanda avuga ko izo mpunzi z’abarundi zashikirije ko ukwemera kwabo kutabibarekurira, zisaba ahubwo ko zotahukanwa mu Burundi.

Mu giporisi c’Uburundi siko babibona. Babicishije ku rubuga rwabo rwa twitter, bavuga ko izo mpunzi z’abarundi zirukanywe kuko zanse kwinjizwa n’abasirikare b’Urwanda mu mirwi itera Uburundi.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.