IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Umurwi wa Best Life Music ugeze mu gice ca nyuma c’ihiganwa wasavye (...)

Umurwi wa Best Life Music ugeze mu gice ca nyuma c’ihiganwa wasavye gushigikirwa

mardi 25 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Abagize umurwi Best Life Music

Best Life Music igizwe n’imisore ine ariyo :
1. Young Dany
2. Young Jpy
3. G Kiboko
4. Mc Vitaa Melodie,

Best Life yavutse ryari ?

Umurwi Best Life Music wavutse mu mwaka w’2009. Indirimbo "Ma Lova" hamwe na "Better Than" zakunzwe cane, zinatuma kandi abo baririmvyi bamenyekana gusumba, haba mu Burundi no mu karere. Uwo murwi uririmba mu mudiho wa Hip Hop canke muri Afro-pop. Baririmba mu ndimi z’icongereza, Ikirundi, Igifaransa hamwe n’igiswahili.

Mu mwaka w’2014, Kora Entertainment ifadikanije na African Sounds Records, Best Life Music uri kumwe na Dety Darba bakoze ururirimbo bise "Happy People" rwahavuye ruba ururirimbo isabukuru Happy People 2014 yashingiyeko.

Mbega umurwi Best Life Music umaze gushika kuki ?

Mu mwaka w’2013, umurwi wasohoye urukurikirane rwa mbere rugizwe n’indirimbo 10 bise "Arrependimento". Rwakozwe n’abahinyanyuzi : Amir Mugisha, Pitchen, Innocent, Pistils Beatz hamwe na Kook-k. Rubonekamwo kandi abaririmvyi nka R Flow, Jay Fire, Gaga Blue, Terry West, Satb na Miss Erica. Clips Video zibiri zo muri urwo rukurikirane zarakozwe : Urukundo na Big Pain. Kuri izo Clips Video, hiyongerako izindi nka Your Vodo, Overdose, Ma Lova, Better Than, Rayban, Don’t Forget.

Si vyo gusa kuko Best life Music baramaze gukora na Video y’ururirimbo ruvuga uwo murwi uwariwo "Who Is Best Life Music". Iyo Video ikaba igabuwemwo imigabane (saison) indwi.

Urukurikirane rwa kabiri "Arrependimento ll" rwasohotse mu mwaka w’2016 rwakozwe n’abahinyanyuzi Placide, Big Base, Ilogos, Takkis na Lizer Classic. "Addicted" n’urukurikirane bariko barakora ruzoja ahabona muri uno mwaka w’2017.

Umurwi Best Life Music woba uratsindira ubushimwe?

Kiretse iyi ncuro ya mbere umurwi Best Life utowe mw’ihiganwa rya Afrimma Awards 2017, nta kandi gashimwe uwo murwi wari bwaronswe.

Abipfuza guha amajwi uwo murwi, bashobora kwinjira ku rubuga rwa www.afrimma.com bakaraba ahanditse 2017 Nominee List, aho bakahafyonda hama bakaraba ahanditse Best African Group ari naho basanga umurwi wa Best Life Music.


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.