Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi wiga ivyohinduka mw’itegeko riraba itangazamakuru washizweho
 Umurwi wiga ivyohinduka mw’itegeko riraba itangazamakuru washizweho
 Umurwi wiga ivyohinduka mw’itegeko riraba itangazamakuru washizweho
				
				samedi 10 Ruheshi 2017, par
Reta y’Uburundi imenyesha ko itegeko rishiraho urwego rujejwe gukurikirana uguhanahana amakuru rikwiye gusubirwamwo kugira ingingo zimwe zimwe zaryo zijane n’igihe isi igezemwo mu buhinga bwa none bw’ugutumatumanako.
Umuvugizi wa Reta y’Uburundi amenyesha ko iyo nteguro ije mu ntumbero yo gushira ibisata bishasha mu rwego rujejwe uguhanahana amakuru, hamwe n’amakuru ashikirizwa hakoreshejwe imbuga ngurukanabumenyi, hamwe n’igisata c’amareresi.
Iyo nteguro ivuga kandi ibisabwa kugira umumenyeshamakuru ahabwe ikarata iranga umwuga wiwe.
 
- Firipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa Reta y’Uburundi
Firipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa Reta y’Uburundi ashikiriza kandi ko n’integuro y’ibwirizwa riraba itangazamakuru mu Burundi rikwiye gusubirwamwo naryo nyene, kugira hakosorwe utunenge twibonekeje mw’ishirwa mu ngiro ryaryo.
Umuvugizi wa Reta y’Uburundi amenyesha ko iyo nteguro ije hageze kuko hari aho bigora kumenya umumenyeshamakuru n’uwutariwe kubera ikibazo c’iyo karata iranga abakora umwuga w’ukumenyesha amakuru.
Egide NDUWIMANA

Messages
13 Ruheshi 2017, 05:37, par Bizoza Samuel
itangazamakuru Ry Iburundi Rigeze Ahatemba Nukuri. Nibura Muri Buri Ntara Haba Hari Iradio. Kandi Nta Radio Z’aba Jeune Zihari.