IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umushikiranganji NDAHAYO : "Turemeza ko ibihugu bibanyi ari ngombwa ko (...)

Umushikiranganji NDAHAYO : "Turemeza ko ibihugu bibanyi ari ngombwa ko bishira inguvu hamwe"

jeudi 1er Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Isabelle NDAHAYO, umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’ubuseruko avuga ko ukwo gushirahamwe inguvu bizoshoboka ari uko ibihugu bibanyi vyunganiranye.

"Turemeza ko ibihugu bibanyi ari ngombwa ngo bishire inguvu hamwe, vyiyunge kandi vyunganiranire.Tubwirizwa rero kwungurana ubwenge, no gukora ku buryo ata na kimwe codusamaza, kugira tugume dutera imbere na cane cane mu butunzi, ari nabwo buryo burashe bwo gushika kw’iterambere rirama kandi ridakumira."

JPEG - 169.9 ko
Isabelle NDAHAYO, umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’ubuseruko

Umushikiranganji NDAHAYO yabishikirije mu ruganda rwatunganijwe kuri uwu wa kane, ku barongoye ibimenyeshamakuru hamwe n’abamenyeshamakuru.

Urwo ruganda rwatunganijwe inyuma y’indwi imwe habaye Inama isanzwe igira cumi n’icenda y’Abakuru b’Ibihugu bigize Umuryango w’ibihugu vyo muri Afrika y’Ubuseruko yabereye i Kampala , mu gihugu c’Ubuganda kw’igenekerezo rya 23 Ruhuhuma umwaka w’2018, aho hemezwa imigambi itari mike yerekeye guteza imbere ibijanye n’inyubako hamwe n’amagara y’abantu mu karere Uburundi burimwo. Mu bushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi muri EAC bavuga ko bizigiye ko ishirwa mu ngiro ry’iyo migambi izozanira akarusho igihugu c’Uburundi.

Kuva Uburundi bwinjiye mu muryango w’Ibihugu bigize Afrika y’Ubuseruko, aho naho hakaba hari kw’igenekerezo rya 01 Mukakaro 2007, Abarundi batari bake baracabandanya bibaza akarusho kari mw’ ishirwa mu ngiro ry’Imigambi ijanye no gutoreza hamwe amakori mu ndinganizo imwe no ku rugero rumwe, Isoko Rusangi, Gukoresha Ifaranga rimwe, hamwe no Gushinga Leta Zunze Ubumwe z’Ibihugu vyo muri Afrika y’Ubuseruko.

Mu bushikiranganji bubijejwe bamenyesha ko kugira ivyo bibazo vyose bitorerwe inyishu, Ubushikiranganji mu Biro vy’Umukuru w’Igihugu bujejwe Imigabo n’Imigambi y’Umuryango w’Ibihugu bigize Afrika y’Ubuseruko bwama butunganya mu gihugu cose isekeza ryo gusigura ido n’ido iyo migambi.

Isoko Rusangi ry’Umuryango w’Ibihugu bigize Afrika y’Ubuseruko riigizwe n’abantu baharurwa mu miriyoni ijana na mirongo indwi, bo mu bihugu bitandatu (Uburundi, Kenya, Urwanda, Sudani y’Epfo, Tanzaniya, hamwe na Uganda). Mu bushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’ubuseruko bamenyesha ko iryo soko rirangwa n’umwidegemvyo mu bijanye n’uruja n’uruza rw’abantu n’ibintu, imitahe hamwe n’ubuzi hamwe n’uburenganzira bwo gucumbika vy’agateganyo canke burundu mu gihugu iki canke kiriya mu bigize uwo muryango.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.