IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Umusirikare yahohoteye umunyagihugu akwiye guhanwa

Umusirikare yahohoteye umunyagihugu akwiye guhanwa

samedi 24 Munyonyo 2012

Ku munsi wa gatatu italike 21 ukwezi kwa Munyonyo, igisirikare caratanguye kwerekana no kuvbwira abanyagihugu ivyerekeye ingene gica imanza. Ngo igisirikare gishaka kwerekana ko gica imanza ataho gihengamiye.

Umushikiranganji w’ukwivuna abansi n’ugukurikirana abahoze ku rugamba General Major Pontien Gaciyubwenge yamenyeshejeko umusirikare yakoreye ikosa umunyagihugu ategerezwa guhanwa hisunzwe amategeko. Yasavye abanyagihugu kuja baratinyuka bakadoma urutoke ku musirikare abakoreye amakosa canke abahohoteye.

Yavuze ko igisirikare gitegerezwa gufasha cane mu gukingira agateka ka zina muntu aho kugahungabanya. Nico gituma, nk’uko yabandanije abisigura, uguca imanza mu gisirikare bitegerezwa kuba ku mugaragaro kandi abanyagihugu bakabigiramwo uruhara rukomeye kuko ngo umusirikare ahari kubera inyungu z’umunyagihugu.

Gaciyubwenge yabwiye abanyagihugu ko muri iyo ntumbero hazokorwa ibitari bike, kubwira abanyagihugu ingene igisirikare gikora biciye mu makambi yose mu gihugu, kwigisha abasirikare uburyo bwo kugira amatohoza yerekeye ubutungane no kurwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu,kugendera aho abantu bafungirwa mu gisirikare kugira birabire ingene abasirikare bafunzwe babayeho n’ibindi.

Intango y’ivyo bikorwa yabereye mu ntara ya cibitoke. Uwurongoye intara ya mbere ya gisirikare, colonel Domitien Kabisa yemenyesheje ko umutekano wifashe neza mu ntara yiwe naho hacibonekeza utugwi tw’abasuma twitwaje ibirwanisho.

Yibukije ko ugukorana neza hagati y’igisirikare n’abanyagihugu arivyo bishobora gutuma amahoro n’umutekano bisasagara, ntihasubire kuvuka iyindi migwi igwana. Colonel Kabisa yavuze ko igisirikare arongoye kizokora ibishoboka vyose mu gukingira abanyagihugu.

Burumatari w’inrata ya Cibikoke, AnselmeNsabimana yasavye igirikare kwana gikorera ibintu ahabona kugira abanyagihugu ntibasubire kucinuba. Yasavye kandi ko abanyagihugu arongoye boja barabwirwa ingene igisirikare gica imanza gutyo biboneke ko ata nkuzi canke gukingira ikibaba umusirikare yakoze amakosa.

Muri iyo ntara ya Cibitoke hatanguriye ivyo bikorwa vya gisirikare, abanyagihugu barakunda kwagiriza abasirikare ko babahohotera mu kubatuma kubavomera amazi canke kubazanira inkwi zo guteka. Iyo abo banyagihugu bitwariye abasirikare babakoreye anmakosa, baridoga ko badahanwa ahubwo bakingirwa ikibaba.


Bonesha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.