IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abaporisi basabwe kurwiza inguvu mu kurwanya abiba mw’ijoro

Abaporisi basabwe kurwiza inguvu mu kurwanya abiba mw’ijoro

mercredi 8 Ruhuhuma 2017

Umuvugizi w’igipolisi Pierre NKURIKIYE asaba abapolisi kurwiza inguvu mu gutuza abasuma biba mw’ijoro mu bice vya Gihosha, Gasenyi na Gisandema,biri muri Komine Ntahangwa y’igisagara ca Bujumbura.

Pierre NKURIKIYE avugira igipolisi amenyesha ko bafise amakuru ko hari abasuma bitwaje ibirwanisho biba mu masaha y’ijoro,ivyo bakabigira bariko biyunguruza ku mapikipiki aba ariko atembera mu masaha y’ijoro.

Umuvugizi w’igipolisi asaba abapolisi gukora ibishoboka vyose kugira habe ukwubahiriza amategeko, bongere kandi bahagarike abo basuma.

Abanyagihugu bo mu Gihosha, Gasenyi na Gisandema bavuga ko uretse abo biba bakoresheje ibirwanisho,hari ubundi busuma bw’abantu bategera abarengana mw’ijoro,bakabaniga ivyo bita Kanci kugeza babatse ivyo bafise na cane cane ama terefone ngendanwa.

Abo banyagihugu basaba abajejwe umutekano gukizura mu masaha y’ijoro,mu ntumbero yo gutuza ubwo bugizi bwa nabi.


IGIHE

Messages

  • Ubunebwe bwanyu nabwo. Na none Abarundi baramba. Ahandi hose mwijoro niho abapolisi n’abasirikare baba magabo ariko mwebwe muba mu ryamye. Hanyuma ngo mucungereye umutekano.Ahandi hose barakurakuranwa, hari abakora umurango abandi ijoro. Jabuka aho i Rwanda, 5h abasoda baba baje gufasha abapolisi, 5 du matin bakaba basubiye mu makambi. Mwebwe muba muryamye. Incompetants.

  • Akarere ka ETS haruguru y’ishure abafurera bo kwa Le gentil bashire amatara harya hantu hibirwa abantu benshi namwe abajejwe umutekano muhakorere nta ndwi izohera mutahafatiye umuntu

  • Nuguhanura kuko ahandi hose mukarere ntamu police cank’umusoda baja kuryama twama tubogora twamaze gusenga, nimube mukinga mutaraterwa mukingire nab’abene Gihugu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.