IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuvugizi w’umukuru w’igihugu yasubiye kwemeza ko Reta idashobora kwicarana (...)

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu yasubiye kwemeza ko Reta idashobora kwicarana n’abashatse gutembagaza ubutegetsi

samedi 18 Ntwarante 2017

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu Jean Claude KARERWA NDENZAKO amenyesha ko Reta y’Uburundi itazokwigera yemera kwicarana n’abashatse gutembagaza ubutegetsi mu kwezi kwa Rusama,umwaka wa 2015.

Mu gihe hariko haremeshwa ikiganiro n’abavugizi b’inzego zitandukanye za Reta, kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 17 Ntwarante,umwaka wa 2017 ,mu ntara ya Makamba, umuvugizi w’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko,Reta ishigikiye ibiganiro bibera hagati mu gihugu n’ibibera hanze y’igihugu.

Jean Claude KARERWA yavuze ariko ko mu biganiro vyatunganijwe mu gisagara ca Arusha, hibonekejemwo utunenge, mu bijanye no gutumira kuko hatumiwe imigambwe itemewe n’amategeko mu Burundi.

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko ibijanye n’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu ataco Reta ikivugako, kuko sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro n’iyo mu karere zemeje ko ikiringo gikurikije amategeko.


IGIHE

Messages

  • Nta mishyikirano na Mujeri zasize zitwitse abarundi n’imipine.

  • abarundi dusavye reta kudasasira indàva abanyakibi abagize kudeta mukabemerera nanje nzoca nkora kudeta ariko mugihe reta yuburundi yotangakarorero muri afrika nibindi bihugu borabirako akarorero ntihagire umuntu azosubira gucutsa umutima wogukubita kudta demokrasi ntivyopfa bisubiye mwaka karere rero nahareta yuburundi

  • KUMBURA MWEMERE MUGANIRE NA BUYOYA YARABEMEREYE KWARI NKUKWO

  • Twaravuze tuti kiretse twese mutumaze nimba mubishoboye , tuzoganira nabakoze kudeta nabaturiye abantu, nayo abatagirwa nivyovyose twaramaze kwitangurira ibiganiro.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.