IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuyobozi mukuru w’ikigo OBR yasubirijwe

Umuyobozi mukuru w’ikigo OBR yasubirijwe

lundi 17 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Léonard Sentore yahora ari umuyobozi mukuru w’ikigo kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi mu Burundi (OBR : Office Burundais des Recettes) yakuwe kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu, asubirizwa na Audace NIYONZIMA yahora akora mw’ibanki nkuru y’igihugu (BRB).

Léonard Sentore yari amaze amezi cumi gusa muri ayo mabanga, mu gihe ikiringo ciwe cari ic’imyaka ine, akaba yari yahawe ikibanza cahoramwo Domitien NDIHOKUBWAYO yagenwe kuba umushikiranganji w’ikigega ca Reta y’Uburundi.

JPEG - 61.3 ko
Leonard SENTORE, yahora ari umuyobozi mukuru w’ikigo OBR

Audace NIYONZIMA, umuyobozi mushasha w’ikigo OBR abaye umuyobozi agira kane arongoye ico kigo kuva gishingwa, inyuma ya Kieran Holmes, Domitien Ndihokubwayo na Leonard SENTORE.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.