IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuyobozi wa Radio BONESHA FM yarekuwe

Umuyobozi wa Radio BONESHA FM yarekuwe

vendredi 11 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Léon MASENGO, umumenyeshamakuru akaba n’umuyobozi vy’imfatakibanza wa Radio BONESHA FM yarekuwe, inyuma y’isaha yamaze ariko arabazwa n’inyamiramabi mw’igendereza. Léon MASENGO yafashwe mu gihe yariko agerageza kuganira n’umupfasoni wa Major Désiré UWAMAHORO

Uwo mumenyeshamakuru Léon MASENGO, ari kumwe na Innocent MURYANGO, umuhinga w’ivyuma, bari bafatiwe kuri Sentare y’iyungururizo i Bujumbura, aho akaba ari mu gihe bari bagiye kurondera amakuru kw’irenguka mu butungane rya Major Désiré UWAMAHORO, yahoze arongoye igiporisi kidasanzwe kijejwe kurwanya imigumuko.

JPEG - 43.8 ko
Léon MASENGO, umumenyeshamakuru akaba n’umuyobozi vy’imfatakibanza wa Radio BONESHA FM

Major Désiré Uwamahoro yahora ari umukuru w’igiporisi kijejwe kurwanya imigumuko (BAE : Brigade Anti-Emeute) yumvirijwe ubwa mbere mu butungane, akaba kandi aheruka gukurwa mu mabanga yahoramwo. Yasubirijwe na OPC2 MANARIYO Emmanuel. Iyo ntwazangabo mu giporisi c’Uburundi imaze iminsi ipfungiwe mu kibanza mu giporisi batamenyesha.

Amakuru dufise, ariko atemezwa n’igiporisi canke igendereza avuga ko Major UWAMAHORO akurikiranwa kubera amafaranga agera ku 330 000 vy’amadorare y’abanyamerika yanyuruje, bikavugwa ko ayo mafaranga ari ay’abarwizatunga bo mu gihugu ca Siriya yaguzwe inzahabu.

Ayo makuru akavuga ko Major Désiré Uwamahoro inyuma y’ukwumvirizwa mu butungane kuri uwu wa gatanu yaciye ajanwa mw’ibohero rikuru rya Bubanza, aho araye ijoro ryiwe rya mbere.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.