IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umwana mukuru wa Mowzey Radio yinjiye mu murwi w’umupira w’amaguru (...)

Umwana mukuru wa Mowzey Radio yinjiye mu murwi w’umupira w’amaguru w’abana

vendredi 4 mai 2018

Uwo mwana azwi kw’izina rya Theo Kingsley Ssekibogo, Mowzey Radio yamuvyaranye n’umukenyezi Karen Gammeltoft, ubu aba mu gihugu ca Danemark.

Nyina wa Theo Kingsley Ssekibogo yavuze ko kwinjira mu murwi w’abana atari isanganya, kuko ari ingabire yakuranye.

Ikinyamakuru Chimpreports cavuze ko nyina wa Theo Kingsley Ssekibogo yamufashije kwinjira mu murwi w’abana, kugira ashimangire indoto yamye afise kuva akiri muto.

JPEG - 76.4 ko
Theo Kingsley Ssekibogo, umwana mukuru wa Mowzey Radio

Theo Kingsley Ssekibogo yatanguye kwerekana ingabire nk’uwuzosigarana izina rya se, kuko afise indoto zo kuba umukinyi w’umupira w’amaguru akomeye.

Theo Kingsley Ssekibogo yinjiye muri uwo murwi, mu gihe haheze amezi atatu, se wiwe Mowzey Radio yitavye Imana, hari kw’igenekerezo rya 1 Ruhuhuma 2018.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.