IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Urugo rw’icariho c’umushikirizamanza i Gitega rwatewe n’abitwaje (...)

Urugo rw’icariho c’umushikirizamanza i Gitega rwatewe n’abitwaje inkoho

jeudi 28 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Abo bantu bitwaje inkoho bateye kuri urwo rugo ruri muri karitiye ya Nyabututsi mu gisagara ca Gitega, mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu. Nk’uko mu giporisi babimenyesha, abo bitwaje inkoho babanje kwugaranira mu nzu abana ba Thérèse NIYONGABO, aho akaba ari mu gihe nyene urugo, ariwe cariho c’umushikirizamanza mukuru wa Sentare isubiramwo imanza i Gitega, yari mu rugendo i Bujumbura.

Mu giporisi bamenyesha ko abo bantu batarashe, ariko ko bagiye bivye imashini nyabwonko (Ordinateur) imwe, amafaranga y’amarundi agera ku bihumbi amajana ane, Terefone ngendanwa zibiri, iradiyo, hamwe n’impapuro z’ivyo ku kazi (Documents de service).

Mu giporisi bamenyesha ko bashitse gutabara abo bantu bagiye kera, n’imodaka yariko irabunguruza ikaba itamenyekanye.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.