Urumuri rw’amahoro rwatanguriye mu ntara ya Kayanza

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 11 Nyakanga 2017 saa 02:39
Yasomwe : 10197
0 0

Urumuri rw’amahoro rwatangujwe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA kuri uwu wa mbere mu ntara ya Kayanza. Urwo rumuri rw’amahoro ku ncuro ya 11 ruzoca mu ntara zose zigize igihugu c’Uburundi, mu kiringo c’iminsi 10.

Mu murwi w’igihugu ujejwe gutegura ivy’urumuri rw’amahoro " Flambeau de la Paix" uko umwaka utashe bamenyesha ko urwo rugendo rw’urumuri rw’amahoro ari ikimenyetso cerekana ko ahari umuco umwijima uba uhavuye.

Muri uwo murwi bavuga ko urwo rumuri rw’amahoro rusigura ko Uburundi buba buvavanuye n’ingeso y’ingwano z’urutavanako zibonekeje muri kahise.

Muri uwo murwi bavuga kandi ko abaherekeza urwo rumuri baronka akaryo ko kwifadikanya n’abanyagihugu mu bikorwa vy’iterambere nk’ukubaka amashure, ibiro vy’indongozi, ibibuga vy’inkino z’umupira hamwe n’ibikorwa vy’gukingira ibidukikije mu guteragira ibiti ku misozi itandukanye.

Urugendo rw’urumuri rw’amahoro "Flambeau de la Paix" rumaze imyaka cumi rutangujwe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA inyuma y’umwaka umwe atowe kurongora Uburundi. Uwu mwaka w’2017, ibikorwa vy’urumuri rw’amahoro vyatunganijwe ku civugo : "Tugire urunani rw’intamenwa twubake kandi dukingire igihugu cacu."


Kumenyekanisha

1
ntahondi fabiyano 12-09-2017 à 08:43

Nimba arivyo ariko arahamura! urwo nurumuri rwoguhonya abenuburundi.
Ubwubona ivyo birashisha cane.
Aharamahoro harabantu birirwa barichwa, abandi batabwa munzuzi baboshwe?
abandi bahimburwa amagara, abandi amazosi.
icogishano uwokibasamburirako mwabageseramwe.

2
BUSURAHENDE 11-09-2017 à 23:26

Urwo rumuri rw’amahoro rumaze iki hirya no hino mu Burundi hirirwa haratoragurwa ibiziga?

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha