Incamake

Urwanda rwashikirije Uburundi umuporisi yafatiwe ku butaka bw’ico gihugu

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 16 Ndamukiza 2018 saa 11:37
66780
0 0

Umuporisi w’umurundi Theogene IRAKOZE yari yafatiwe mu gihugu c’Urwanda kuri uwu wa gatanu yashikirijwe kuri uwu wa mbere igihugu c’Uburundi, nk’uko vyemezwa n’igiporisi c’Uburundi. Uwo muporisi yashikirijwe Uburundi ku rubibe rw’aho bita ku Ruhwa, mu ntara ya Cibitoke.

JPEG - 93.8 ko
Umuporisi w’umurundi Theogene IRAKOZE yari yafatiwe mu gihugu c’Urwanda kuri uwu wa gatanu

Mu giporisi c’Uburundi baremeza ko bakiriye uwo muporisi, Petero NKURIKIYE avugira igiporisi akemenya ariko uwo muporisi Theogene IRAKOZE afise ibimenyetso vyerekana ko yasinzikarijwe ubuzima (Des signes de torture).

Igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko uwo muporisi w’Uburundi yakorera ku kirindiro c’i Mabayi, mu ntara ya Cibitoke, yahagaritswe n’igiporisi c’Urwanda ku mugoroba wo kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 13 Ndamukiza 2018, yahagaritswe nk’igihe c’isaha icumi na zibiri n’iminota 45 n’abajejwe umutekano b’Urwanda.

Mu giporisi bavuga ko APC IRAKOZE Theogene yahagaritswe, mu gihe yajabutse urubibe akinjira mu gihugu c’Urwanda adakurikije amategeko, mu giporisi bakavuga ko uwo muporisi yari yaborewe.


Kumenyekanisha

1
Busurahende 17-04-2018 à 13:15

Igipolisi c’Uburundi? Ni "kituko"

2
nkotanyi 17-04-2018 à 06:58

Mana yanjye ubu koko uyu ni umupolisi w’igihugu koko?, ndebera ibirato yambaye weee .ngo izo nizo nzego z’umutekano ngo zizatumesa daaaaa?!!!!

3
Busurahende 17-04-2018 à 05:01

Aho kwiyamiriza akaborerwe mu nzego, ngo yarasinzikarijwe ubuma. Yari yajabutse hakurya gukorayo iki? Niyo bamuhaya akazi ko gucungera umutekano?

4
Yadema 16-04-2018 à 22:40

ico nohanura abo banyepolitike nibareke kugira ubwoba ahubwo nibaje mwihiganwa nabo bitoze navyo ivyo vyokwandikira aba nabariya nibareke kwigayisha

5
kambayeko 16-04-2018 à 22:00

none abaporisi bararekuriw kuborerwa?

6
NKURUNZIZA 16-04-2018 à 21:01

SIVYO NABABARIYE IYO AZA KUBA ARI UMUNYARWANDA MUBA MWARAMWISHE

7
victorien 16-04-2018 à 20:16

Twari twabivuze rwose abanyarwanda ni abanyamwuga rwose reba uwo mupolisi uko atashye asa mugihe bamufashe asa n’umuhirimbiri?!! none ngo yakubiswe?!!

8
TRACKSLAYER 16-04-2018 à 19:18

Akayoga kararyoha ariko iyo ukanyweye nabi karagutamaza tuge tunywa gake dushoboye ariko uwo mugabo ntimumuseke kuko buriwese byamubaho.

9
Dumbuli 16-04-2018 à 18:02

Mugabo abanyarwanda ni imfura ni abantu beza cane rwose, murabona ko Theogene agarukanye agateka, amerewe niza azogaruke akurikije amategeko tumuzimanire. Mugabo U Rwanda rwifuriza iciza gusa abarundi bose muzotunge mutunganirwa na nabi namwe.

10
nkotanyi 16-04-2018 à 17:35

Ntakindi mwavuga kuko biteye isoni rwose kubona umupolisi officier asinda agata ubwenge kugera ubwo yambuka umupaka?!! aha ngo yakorewe torture?! reba ahubwo yoze arasa neza yanafuze bamuvuye na hanger over

11
Ema 16-04-2018 à 15:28

Mutubwirire abamutwara azasubize abanyarwanda itomate nintore vyabo yabanyaze kandi akurwe muruhororo

12
Pasco 16-04-2018 à 14:04

Yavuye Kumwobo Wintare.Nafatagacupa Yavuye Habi.Yari Yishoye Mubagome!Nimumuhe Pole Abamwegereye.

13
Lionel Safi 16-04-2018 à 13:45

Vyukur Nimurebe Ukuntu Mwokwiyamiriza Inzeg Zumutekano Kuboregwa

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha